Ubushuhe burenze bwugarije umugabane wa Buraya burateye ikibazo gikomeye. Mu Bufaransa, bwarengeje degré Celsius 44 mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Abantu barenga 40 bamaze kwitaba Imana. Benshi muri bo bakaba bapfiriye mu mazi igihe bagerageza kwikiza ubushuhe baja kwoga mu bibanza bitarimwo abacungera umutekano. Leta yaciye ishiraho ingingo zidasanzwe zo gukingira ubuzima bw’abanyagihugu.
Uburaya buriko burashikirwa n’ubushuhe bukabije budasanzwe, aho ibihugu nk’Ubufaransa, Espagne, Ubutaliyano, Ubwongereza n’Ubudagi bigeramiwe n’ubushuhe burengeje urugero rwari rumenyerewe muri iki gihe c’umwaka.
Ivyo bihe vy’ubushuhe vyatumye amashure amwamwe yugara imiryango, ingendo za gari ya moshi n’izindi nzira z’ugutwara abantu n’ibintu zirahungabana, mu gihe ahantu hasanzwe hagendwa cane n’ingenzi harimwo n’umunara wa Eiffel, hagabanyije amasaha yo kwakira abashitsi kubera ubushuhe burenze.
No mu Butaliyano, Espagne, Ubwongereza, Ububirigi n’Ubusuwisi, inzego zijejwe amagara y’abantu zasohoye amatangazo zisaba abanyagihugu kuguma mu bibanza bifutse, kunywa amazi menshi no kwirinda ibikorwa bisaba inguvu nyinshi mu masaha y’izuba rikaze.
Abahinga bavuga ko ivyo bihe vy’ubushuhe biguma vyiyongera bifitaniye isano n’ihindagurika ry’ibihe, rikaba rituma ibiza birushiriza kuba vyinshi.
























