AfriquehomepageKirundisécurité

Abantu barenga ibihumbi 53 birukanywe

Abarenga ibihumbi 53 birukanwe mu gikorwa gikomeye co gucungera no gusuzuma abanyamahanga batagira ivyangombwa bibemerera kuba muri Afrika y’epfo. Leta ya Afrika y’epfo yatangaje ko ico gikorwa kiri mu ngingo nshasha igihugu cafashe zo gukomeza umutekano, gucungera imbibe no kwubahiriza amategeko agenga abinjira n’abasohoka mu gihugu. 

Ubushikiranganji bujejwe ibibazo vy’abimukira mu gihugu bwamenyesheje ko ivyo bitigiri biri mu vyerekana ko ibikorwa vyo guhagarika abanyamahanga binjira canke baba mu gihugu mu buryo bunyuranye n’amategeko vyongerejwe inguvu. Bwamenyesheje kandi ko kwifashisha ubuhinga bwa none, harimwo gufata ibimenyetso ndangamuntu n’ibindi bikoresho bifasha kugenzura abinjira mu gihugu, ryafashije gutahura no kwirukana abarenze ku mategeko.

Abategetsi bavuga ko ico gikorwa kigamije gukomeza gukurikiza amategeko no gucungera neza uruja n’uruza rw’abinjira mu gihugu. Basavye abanyamahanga baba muri Afrika y’epfo batabifitiye uburenganzira kwitahira ku bushake bwabo imbere y’uko bafatwa, kuko uwirukanwe ashobora no kubuzwa gusubira kwinjira muri ico gihugu mu buryo bwemewe n’amategeko.

Izi ngingo zifashwe mu gihe muri Afrika y’epfo hamaze iminsi humvikana impari zikomeye ku kibazo c’abanyamahanga, aho hari n’imyiyerekano yakozwe n’imirwi imwe imwe isaba ko hashirwa mu ngiro amategeko akomeye ku banyamahanga baba muri ico gihugu mu buryo bunyuranye n’amategeko. Ivyo vyatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bahitamwo gusubira mu bihugu vyabo kubera impungenge z’umutekano.

Ariko rero, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n’Umukuru w’Igihugu, Cyril Ramaphosa, barasavye ko amategeko yubahirizwa ata guhohotera abanyamahanga. Bashimangiye ko ikibazo c’abimukira gikwiye gutorerwa umuti biciye mu mategeko no mu bufatanye bw’inzego zose z’igihugu, aho kwemera ibikorwa vy’ubwicanyi canke ukwifatira amategeko mu minwe.

Ico gikorwa co kwirukana abimukira ni kimwe mu biriko birashirwa imbere na Leta ya Afrika y’epfo mu mugambi wayo wo gukomeza umutekano ku mbibe, kuvugurura uburyo bwo gucungera abinjira n’abasohoka no gukomeza gukurikiza amategeko agenga ukwimuka kw’abantu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE