BurundiEnvironnementhomepageKirundi

Abarovyi bakorera mu kiyaga Tanganyika ntibabona kumwe ibijanye no kwugara ico kiyaga

Bamwe mu barovyi bakorera ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika n’abava mu myeha itandukanye baganiriye na Radio Indundi Culture ntibabona kumwe ingingo yo kwugara ikiyaga. Bamwe berekano ko ari ingingo nziza kuko bituma baronka akaruhuko mbere bagasigura ko n’umwimbu hari aho wiyongera, abandi bakavuga ko ari uruhombo kuri bo n’imiryango yabo.

Umwe muri abo barovyi amenyesha ko hariho akarusho kuko bahora bakora ntibaronke akanya ko kuruhuka. Iyo ngingo yafashwe abona ko ije kubafasha  kuko bituma n’umubiri ubwawo uruhuka.

Ku rundi ruhande hari abavuga ko ataco bihindura ahubwo bisanga ari uruhombo. Aha basigura ko ataco bahakura bafatiye kuco baronka buri musi. Bakabona ko ingingo nki’yo yohagarara.

Uyu murovyi we abonako iyo ngingo yaje guhonya imiryango yabo kuko kwugara ikiyaga indwi yose ugaheza ukaja kwicara muhira bituma imiryango itaronka ico ifungura.

Ku kibazo co kubura ico bakora mu ndwi y’akaruhuko hari abarovyi basaba ko leta yoshiraho ibikorwa abarovyi boja barakora mu mwanya ikiyaga cugaye.

Basaba ko Leta yobibafashamwo kugira baronke aho bashobora gukura ay’agafu, amahera yo kurihira abana amashure ndetse no kuvuza umugore canke umwana iya agwaye.

Ingingo yo kwugara ikiyaga indwi imwe buri kwezi yari yatanguye imbere y’ukwezi kwa 5 umwaka wa 2024 mu nyuma ija kubangirwa bivuye ku ngingo yo kwugara ico kiyaga mu kiringo camezi 3. Ingingo yari igamije gukingira ikiyaga no kurwiza amafi, yari yerekeye ibihugu vyose bisangiye ico kiyaga yahavuye idashirwa mu ngiro bivuye ku bihugu bimwe bimwe vyerekanye amakenga kuri iyo ngingo. Amakuru twahawe n’abarovyi avuga ko kwugara ikiyaga indwi imwe buri kwezi vyasubiriye  gutangura muri ruhuhuma uyu mwaka wa 2026.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE