BurundihomepageKirundi

Abarundi basabwa kugendera iragi rya Rwagasore mu gutsimbataza ubumwe no kurwanya amacakubiri

Mu nkuka ya misa yo gusabira umuganwa Rudoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira kw’Uburundi yabereye muri cathédrale Regina Mundi mu gisagara ca Bujumbura kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Gitugutu 2025, aho abarundi bibuka imyaka 64 iheze agandaguwe, icegera ca Musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Anatole Rugerinyange yamenyesheje ko umuganwa Rudoviko Rwagasore yasigiye icigwa abarundi mu bijanye no gutsimbataza ubumwe no kurwanya amacakubiri.
Musenyeri Anatole Rugerinyange avuga kandi ko Rwagasore yaharanira agateka ka zina muntu, agahamagarira abarundi bose kwitwararika agateka k’uwundi muntu, bagire umutima mwiza nk’uwa Yezu, umutima ukunda abantu bose.
Iyo misa yitabwe n’indongozi zitandukanye z’igihugu guhera ku mukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, umukuru w’inama Nshingamateka Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’inama nkenguzamateka Gervais Ndirakobuca, icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza, umushikiranganji wa mbere Nestor Ntahontuye, umuhuza w’abarundi Aimée Laurentine Kanyana, abagize inzego zo kwivuna abansi n’iz’umutekano hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE