Ubuyobozi bwa commune Ntahagwa buvuga ko bugiye kwubaka amashure mu turere 3 ari two Gatumba, Kinama na Tenga ahagiye ahanini hibonekeza ibiza. Uwurongoye commune Ntahagwa yabishikiriza ku musi wa kabiri uheze, igenekerezo rya 6 Nzero 2026 mu nama yariko agiranira n’abegwa n’indero muri iyo commune.
Alexis Havyarimana asigura ko uwo mugambi watevye kubera inama mpanuzwajambo ya commune itari bwemeze amafaranga y’uwo mugambi. Yemeza ko uwo mugambi uzotwara uburyo bungana n’amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi 2, umugambi ukazomara imyaka 3. Yamenyesheje kandi ko hagiye gushingwa umugwi ugizwe y’abayobozi b’amashure aho bazoshiraho igitabu cerekana ibibazo bihanze indero muri iyo commune.
Amwe muri ayo mashure azokwubakwa mu turere 3 aritwo Gatumba,Kinama na Tenga yaba ayakukira reta n’ayabikorera utwabo.
Inyuma y’iyigwa ryawo, ayo mashure akazokubakwa ku buryo bungana n’amafaranga y’amarundi agera ku miliyaridi 2 n’imiriyoni 500. Kubera zizokwubakwa mu magorofa 3, azokubwakwa mu myaka itatu, aho azogenda yubakwa mu bice. Ku mwaka wa mbere hazokwubakwa ico bita rez de chaussée mu rurimi ry’igifaransa n’aho abigisha bazokorera ,umwaka wa 2 igerekweko iyindi n’umwaka wa 3 uko nyene. Ku ngorane zitari nke zibonekeza muri ico gisata muri iyo commune, uwo mutegetsi yemeza ko hagiye gushigwa umugwi ugizwe y’abayobozi n’indero kugira bashireho igitabu cerekana ingorane zose zibonekeza mu gisata c’indero aho uko umwaka utashe hazoza harerekanwa izatorewe umuti gutyo indero mu rwaruka iheze ishinge imizi.
Muri iyo nama kandi Musitanteri wa commune Ntahagwa yagabishije amashure y’abigenga adakurikiza amategeko muvyo akora. Alexis Havyarimana avuga nk’ayakoresha abigisha batabinonosoye, inyubako zidashemeye n’abana baguma biyerereza mu mwanya w’ivyigwa. Yamenyesheje ko atisubiyeko agiye kwugarwa. Naho kuri abo bana, yavuze ko agiye gukorana n’inzego z’umutekano kugira bafatwe hama amashure bakukira aheze abihanigwe.
Mwomenya ko commune ya Ntahangwa igizwe n’amashure 129 yegukira Reta nayo 212 akaba ari ayo abikorera utwabo.

























