Amazu 250 n’amasomera 29 vyaragurutse abanyeshure 34 barakomeretse , muri abo 7 baracari mu bitaro kubera iyo mvura nyinshi ivanze n’umuyaga yaguyehakaba hari huri uyu wa gatatu igenekerezo 30 gitugutu 2024 muri zone Nyamiraba ,komine n’intara ya Bubanza.
Iyo mvura ivanze n’umuyaga yaguye kuri uyu wa gatatu muri zone Nyamiraba ,komine n’intara ya Bubanza,amazu 250 n’amasomera 29 vyaragurutse. Abanyeshure 34 barakomeretse , muri abo 7 baracari mu bitaro. Bamwe mu banyeshure bo kurayo masomero ntibashoboye kwiga ku musi wa kane . Umwe mubaganiriye na radio Indundi Culture avuga ko imvura yatanguye kubomora amazu 181 n’amasomero 3.N’imirima igizwe n’amahegitari arenga 10 aratwarwa n’uruzi Nyamugerera ,iyo mirima ikaba igizwe n’ibitoke hamwe n’ibigori .
Muri zone Musenyi harakomeretse abanyeshure 34 bakaba baciye bajanwa ku bitaro muri abo 6 baracari mu bitaro bakaba bakomerekejwe n’amabati abandi nabo n’impome zabaguyeko.Aho hakaba ari muri zone Muzinda komine Bugazi.
Abajejwe intwaro muri ivyo bice vyahuye n’ivyago basaba kugarukirwako hanyuma ayo mashure agasanurwa.