Abakozi bo mu ruganda ruri kw’ibarabara bitiriye avenue rusama ku nzu igira kabiri nko kubirometero 30 uvuye kw’ibarabara rikuru ry’igihugu inomero 3, Bujumbura-Rumonge, baridogea abakoresha babo. Uhashitse nta vyerekana ko hari uruganda kuko ubona umengo ni nk’inzu yo kubamwo. Bamwe mu bakozi bahakorera bavuga ko urwo ruganda rutubahiriza amategeko agenga abakozi n’akazi.
Bafatira ku masezerano babwirizwa guhabwa ariko bagasanga atayahari . Ikindi berekana ni ingene bakora badatetekanirizwa kazoza ntibanavuzwe bakitswe n’amagara.
Abo bakozi berekana ko igihe cose babajije ivyo gutunganirizwa ahubwo baca bacika abansi ku mukoresha wabo. Abo bakozi
bose bayaze na radio indundi culture babona ko ababijejwe bofasha kugira batunganirizwe.
Mu nama yatunganijwe hagati y’umukoresha n’abakozi kuri uyu wa 5, uwuramutswa urwo ruganda akomoka mu gihugu c’ubushinwa Katon yavuze ko mu ndwi iza agiye gutunganiriza abo bakozi nko kubaronsa amasezerano y’akazi. Katon n’aho aterekana ryari bizokorwa, yasiguye ko bisaba kubitunganya neza.
Umuyobozi wa zone kinindo avuga ko ico kibazo akizi kandi amaze kuja kuraba ahakorera urwo ruganda. Mu kiganiro yahaye radio indundi culture uwuramutswa urwo ruganda, avuga ko bazogitorera inyishura vuba.
Winjiye uhabona ibikoresho bitari bike bifasha gukora ibikoresho bibikwamwo ivyambarwa, valise mu rurimi rw’igifaransa. Bamwe mubakozi bahakorera bavuga ko urwo ruganda rutubahiriza amategeko agenga umukozi nakazi. Aha bafatira kumasezerano babwirizwa guhabwa ariko basanga atayahari . Ikindi berekana ni ingene bakora badategekanirizwa kazoza mbere ntibavuzwe mumwanya bakitswe n’amagara.
Abo bakozi berekana ko igihe cose babajije ivyo gutunganirizwa ahubwo baca bacika abansi ku mukoresha wabo. Nka bose bayaze na radio indundi culture babona ko ababijejwe bofasha kugira batunganirizwe.
Mu nama yatunganijwe hagati y’umukoresha n’abakozi kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2026, uwuramutswa urwo ruganda akomoka mu gihugu c’ubushinwa, Katon yavuze ko mu ndwi iza agiye gutunganiriza abo bakozi nko kubaronsa amasezerano y’akazi. Katon n’aho aterekana ryari bizokorwa, yasiguye ko bisaba kubitunganya neza.
Umuyobozi wa zone Kinindo avuga ko ico kibazo akizi kandi amaze kuja kuraba ahakorera urwo ruganda. Mu kiganiro yahaye insamirizi Indundi Culture, Patience Itangishaka yemereye abo bakozi ko agiye gukurikirana ico kibazo cabo hubahirizwe amategeko.
Uruganda bita Star View rumaze imyaka itanu rukorera muri zone kinindo commune Mugere intara ya Bujumbura rufise abakozi baharurwa kuri 11 Bose nta masezerano bafise. Inyuma yo kugendera urwo ruganda, ubuyozi bwa zone kinindo buvuga ko urwo ruganda rwaciwe ihadabu ingana n’ibihumbi 500 vy’amafaranga y’amarundi kuko bwasanze ata suku rihari. Mu buyobozi bwa zone, Patience Itangishaka yemereye abo bakozi ko agiye gukurikirana ico kibazo kugira hubahirizwe amategeko.
Uruganda Star View rumaze imyaka itanu rukorera muri zone Kinindo commune mugere intara ya Bujumbura rufise abakozi baharurwa kuri 11. Bose nta masezerano y’akazi bafise.
Igihe bagendera urwo ruganda, ubuyozi bwa zone kinindo buvuga ko urwo ruganda rwahanishijwe ihadabu ingana n’ibihumbi 500 vy’amafaranga y’amarundi kuko bwasanze ata suku rihari.

























