A la UneTransport

Bujumbura : Haribonekeza ubukene bw’impusha zokugendesha imiduga

Impusha zemeza ko umuntu azi gutwara ingendeshwa ntiziriko ziraboneka muri kino gihe mu gihugu. Bamwe mu basanzwe bariko bazirondera gushasha  canke abafise izataye igihe  bidoga ko atazo bahabwa ibiheza bikabateza ibibazo. Mu giporisi kijejwe uruja n’uruza mw’ibarabara barizeza  ko ikarata zikorwamwo izo mpusha zigiye gusubira kuboneka.

Abitura igipolisi kijejwe uruja n’uruza mw’ibarabara muri ino minsi baridogera ico kigo, bakavuga ko iyo bagiye kurondera impusha zemeza ko bazi gutwara ingendeshwa baheza bagahabwa impapuro zemeza ko barishe amafaranga asabwa  gusa.

Abo batwara izo ngendeshwa bari muri ico kibazo bavuga ko izo mpapuro bahabwa zibabuza kuronka akazi rimwe na rimwe, be nuko uwushatse kujabuka igihugu bidakunda yerekanye izo mpapuro zemeza ko yarishe, kubera ata cemeza umugwi w’ingendeshwa asanzwe azi gutwara bashirako kuri izo mpapuro.

Uwurongoye igipolisi kijejwe uruja n’uruza mw’ibarabara Étienne Citegetse aremeza ko izo mpusha zitariko zirakorwa ariko agasigura ko vyatumwe n’udukarata dukorwamwo izo mpusha twabuze. Naho biri uko agatanga umwizero ko bagiye kubitunganya, naho adatanga isango nyezina ryaho izo mpusha zizosubira kubonekera.

Impusha zemeza ko umuntu azi gutwara ingendeshwa zarahinduwe zikorwa mu buryo bwa none bw’ikarata itiganwa mu mwaka w’2016. Ikiguzi cayo cashinzwe na reta kingana n’amafaranga ibihumbi ijana mu mafaranga y’amarundi (100.000 BIF). Impusha zo kugendesha umuduga uko imyaka itanu iheze ziba zitaye igihe, zigaheza zigahindurwa n’igisata kibijejwe mu giporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE