Amakuru mu kirundiClimatCommerceCoopérationDivertissementEmissions

Bujumbura:Iyarara ritabwa ku nkengera z’uruzi Ntahangwa rirateye impungenge abahegereye

Bamwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura basaba ko akamo k’umukuru w’igihugu ko ku wa 10 Mukakaro umwaka wa 2024 ko kugarukira isuku mu gisagara.Abo banyagisagara bavuga nk’ibibanza biri ahegereye uruzi Ntahangwa,hatabwa iyarara gushika naho iba nk’imisozi.Abo banyagihugu bafise impungenge ko hashobora kwaduka indwara ziva kw’isuku rike eka mbere n’ibinyabuzima muri urworuzi no mu kiyaga Tanganyika bigahungabana .

Kimwe muri ivyo bibanza co mu gisagara ca Bujumbura ,umurwa mukuru w’ubutunzi ,bibonekamwo aharunze iyarara,ni ikizwi nko Kubinyoni hafi y’uruzi Ntahangwa inyuma y’ishure ryisumbuye CEPBU Ntahangwa.Murico kibanza hibonekeza ibisigarira vy’ivyamwa n’ivyibifungurwa ndetse n’ibitekezo bitabora nk’ubumwanya,n’uducupa tuvamwa imitobe,bikunyurwa n’abantu baguma bahihagarika.Bamwe mu baca mu kayira gahuza isoko ya Cotebu na karitiye Jabe bagenda bifashe ku mazuru kubera umunuko uharangwa.Bamwe bavuga ko ivyo biteye kuko bishobora kugira ingaruka ku magara yabo eka mbere n’ibinyabuzima biba mu ruzi Ntahangwa hamwe no mu kiyaga ca Tanganyika.

Abo banyagihugu nubwo bafise amakenga ntibahuziza ku bataho iryo yarara,bamwe bavuga ko rizanwa n’abadandaza bo mw’isoko ya Cotebu abandi bati n’iyarara riva mu mihana yo muri karitiye Jabe.

Ikindi kibanza cibonekezamwo udusozi tw’iyarara,ni muri karitiye ya Nyakabiga ku metero zoba zishika kw’ijana 100 uvuye ku nkengere z’uruzi Ntahangwa n’inyuma y’ishure ryisumbuye ryigisha ivy’imyuga .Naho nyene abahaca bafise amakenga ku magara yabo hamwe n’ibidukikije .

Abegereye canke abaca ahari iryo yarara basaba ko akamo k umukuru w igihugu ko kugarukira isuku mu bisagara ko shirwa mu ngiro no muri ivyo bibanza nyene muri kino gihe bisa n’ibibangamiwe.

Ku wa 10 Mukakaro uyu mwaka wa 2024, umukuru w’igihugu c’Uburundi ari mu gisagara ca Bujumbura yari yatanguje urugamba rwo gukora isuku mu gisagara ca Bujumbura aca anagirako Atanga itegeko ko kugira isuku bibwirizwa kwama bikorwa.

Si ubwa mbere kandi hari havuzwe umugambi w’ibijanye n’isuku n’isukura kuko akamo nk’ako kari katewe n’umukenyezi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye mu mugambi wiswe”zéro déchets”hari mu gisagara ca Bujumbura nyene ku wa 19 Ntwarane umwaka wa 2024.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE