Umugambi wo kwubaka urugomero rwa Kajeke umaze hafi imyaka 16 woba ugiye guherahezwa? Kuri uyu wa 1 Ndamukiza 2026, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarakiriye ku kirimba kwa Ntare uwurongoye ikigo mpuzamakungu kijejwe ubwishingizi mu mashirahamwe y’iterambere, Tsutomu Yamamoto. Muri uwo mubonano barabiye hamwe imigambi yoshigikirwa mu guteza imbere Uburundi. Aho Umukuru w’igihugu yaciye ashikiriza uwo mushitsi umugambi wo kwubaka urugomero rwa Kajeke ruri muri komine Bubanza intara ya Bujumbura.
Uwo mugambi watangujwe ku wa 19 Gitugutu 2010 n’uwari Umukuru w’igihugu umuhisi Petero Nkurunziza, ukaba wari gutuma amahegitari agera ku bihumbi 3 y’imirima y’umuceri ya Gihanga na Mpanda avomerwa. Ishirahamwe BETCO niryo ryatsindiye isoko ryo kwubaka urwo rugomero
Mu nama nshikiranganji yo ku wa 3 Mukakaro 2019, basanze urwo rugomero rwubatswe nabi haca hafatwa ingingo y’uko rwosubirwamwo ku mafaranga angana n’imiriyaridi 19 y’amarundi. Aho ubwa mbere rwari rwatwaye imiriyaridi 13.
Muri Nzero 2021, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaragendeye ahariko hubakwa urwo rugomero, asanga bimwe mu vyubatswe vyaratanguye kubomoka. Yaciye aha ikiringo c’indwi zibiri umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu Ibrahim Uwizeye, ko yoba yerekanye uruhara rw’umwe umwe mu bakoresheje ibikorwa vyo kwubaka urwo rugomero.
Ico gihe Egide Bimenyimana yari arongoye ishirahamwe BETCO yamenyesheje ko vyari bitegekanijwe ko rwubakwa mu mice itatu, umuce wa mbere gushika mu mwaka wa 2016.
Ariko kuva uwo mwaka ntacasubiriye gukorwa ngo kuko ubushikiringanji bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi ari nabwo bwakurikirana ico gikorwa butasubiriye kubikurikirana.
Umushikiranganji yaramutswa uburimyi ubworozi n’ibidukikije Sanctus Niragira aho yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka muri Ruhuhuma 2023, yavuze ko urugomero rwa Kajeke rugiye kubomorwa kugira rusubirwemwo. Ibikorwa vyo kubomora gusa yavuga ko bizotwara amafaranga angana imiriyaridi 2 z’amafaranga y’amarundi.
Umusi ashikirizwa amabanga ku wa 25 Nyakanga 2025, uwahoze ari musitanteri wa komine Bubanza Jéremie Simbagoye yasavye Umukuru w’igihugu ko mu migambi yokwihutirwa hojamwo kwubaka urwo rugomero.

























