BurundiÉnergiehomepageKirundi

Hashizweho ibihano ku bantu batazokwubahiriza ingingo za Sopebu

Ishirahamwe rijejwe kudandaza ibitoro mu Burundi,  Sopebu, rimenyesha ko kuva ubu imodoka cumi za mbere zizofatwa zitonze kuri station itariko iratanga igitoro zizoca zimara amezi abiri zidasubiye kunywesha.

Mw’itangazo iryo shirahamwe sryashize ku mugaragaro kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 22 Kigarama 2025, riragabisha ko kizira kikaziririzwa ko ingendeshwa zija gutonda kuri station itariko iratanga ibitoro.

Nayo ibihano iryo shirahamwe ritegekanya kuwutazokwubahiriza iyo ngingo ni ibi bikurikira: imodoka 10 za mbere zizohanishwa kudahabwa igitoro mu kiringo c’amezi abiri, izikurikira nazo zizomara ukwezi kwose zitaronse igitoro.

Abandi bagabishwa ni abaja gutonda kuri station iriko iratanga igitoro ariko imparati yabo itari ku rutonde rw’izinywesha uyo munsi. Izi nazo zizohanishwa kumara ukwezi atagitoro zironka.

Sopebu riragabisha kandi n’abantu biyita ko ari abakozi ba Sopebu bakarengana abandi ku mirongo y’imodoka zirindiriye kunywesha.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE