BurundihomepageKirundiSport

Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza Aigle Noir na Al Ahly vyagabanutse

Ibiciro vyo kwinjira kuraba urukino ruzohuza umugwi wa Aigle Noir na Al Ahly kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Gitugutu 2025 bihejeje kugabanuka. Mu bibanza bisanzwe vyavuye ku bihumbi cumi ( 10.000 FBu), bija ku bihumbi bitanu (5.000 FBu).

1.pourtourt : 5.000 Fbu
2.VIP: 50.000 FBu
3.VVIP: 100.000 Fbu
4.Sponsor : 250.000 Fbu.

Nk’uko Fondation Pax Burundi yama yabitunganije kwinjira kuraba urwo rukino usabwa kuzoba wambaye umwambaro wa Aigle Noir canke Ejo ni Heza. Ku bijanye n’ibibanza vya VVIP amatike yaramaze kurangira, ibibanza bisigaye ni ivy’abafatanyabikorwa.

Kuri uwo musi w’urukino kuva igihe c’isaha zibiri z’agatondo ( 8h), amatike azoba ariko aragurishwa mu bibanza vyo ku mashugwe, hepfo ya Stade Intwari, white Stone, Mex, Palais des Arts na haruhande y’ishure rya Les Lierres.

Ivyo bihejeje gushikirizwa na Léonce Ntakirutima, icegera c’umuvugizi wa Fondation Pax Burundi kuri uyu wa kane igenekerezo rya 16 Gitugutu 2025, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru munzu y’amanama iri kuri Stade Intwari.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE