Inyuma y’ibipimo vyavugwa ko biriko birakorerwa muri INSP ku ngwara idasanzwe yadutse muri komine Mpanda imaze no guhitana abantu, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaraye butangaje ko ibipimo vyabwo bitarashobora gutora iyo ngwara iyo ari yo.
Muganga Lydwine Baradahana ajejwe ubwo bushikiranganji yabitangaje i Bujumbura kuri uyu wa gatandatu waraye uheze, igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2026.
Nk’uko abivuga, abahinga mu gupima ingwara z’abantu n’izibikoko, abarundi bafadikanije n’abakozi bo mw’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, ntibarashobora gutora iyo ngwara iyo ariyo.
Ingwara zikaze kandi zandukira abantu benshi zikekwa ko imwe muri zo yoba ariyo yateye muri ako karere, nta n’imwe yatowe nk’uko umushikiranganji Baradahana abivuga. Ebola, fièvre jaune, marburg, inyonko yo mu kiyaya ca Rift, ingwara y’amaraso ya Crimée-Congo, zose nta n’imwe yatowe.
Ku bwa Baradahana ngo n’aho ivyo bipimo bitanga icizere kubera izo ngwara zitagaragaye, ibipimo n’amatohoza birabandanya. Muri aka kanya, ngo hari ibipimo vyarungitswe hanze muri iyo ntumbero.
Hagati aho, uwo mushikiranganji asaba abantu kubandanya barikanuye no kwitura abaganga igihe cose babonye ibimenyetso vy’iyo ngwara bikurikira: ubushuhe bwinshi, kumeneka umutwe, gusoba amaraso, gucika intege, kugira amaso asa n’umuhondo, kudahwa no kubabara mu nda,…
Yarangije amenyesha ko Reta yiteguriye gufata ingingo zose zikenewe ngo ikingire amagara y’abanyagihugu. Ariko kandi ngo yokwakiriza yompi uwo wese yoba afise intererano ijanye n’ubuhinga canke ibikoresho vyofasha muri iyo ntumbero.
Kugeza kuri uyu wa 11 Ndamukiza 2026 havugwa ko, iyo ngwara yagaragaye mu ntango za Ndamukiza, imaze guhitana abantu batanu muri 35 bamaze kuyandura.

























