BurundiCommercehomepageKirundi

Ibitoro vyakuwe mu bidandazwa bica ku mupaka wa Gatumba

Mu bidandazwa vyemerewe guca ku mupaka wa Gatumba, ibitoro ntivyemerewe kuhaca.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amatagisi n’amakori OBR, birabujijwe ko ibitoro bica ku rubibe rwa Gatumba Uburundi buhana n’igihugu giharanira intwaro rusangi ya Congo.

Muri iryo tangazo, ico kigo OBR kimenyesha ko guhera itariki ya mbere Gitugutu uwu mwaka wa 2025, ugucisha ibidandazwa ku mupaka wa Gatumba uhuza Uburundi na RDC bigiye gusubira ariko ibitoro  ari kimwe mu bidandazwa vyari bikunze guca kuri uwo mupaka kitemerewe gucaho, co kimwe n’ibindi bidandazwa bisaba guca ku munzane kuko utarashirwa muri ico kibanza. Ikindi n’uko umudandaza yemerewe gucisha kuri uwo mupaka ibidandazwa vyose ata na kimwe cimiriwe kuzokwinjira hisunzwe igiciro caco.

Ivyo vyose akaba ari mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire isanzwe iri hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE