East African CommunityEconomiehomepageKirundi

Iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro mu gihugu ca Kenya rishobora kugira ingaruka mbi mu bindi bihugu vy’akarere

Igihugu ca kenya caraye gitangaje kw’iduzwa rikomeye cane ry’ibiciro vy’igitoro. Ni mu gihe ritigeze ribaho mu mateka y’ico gihugu, bikaba bishobora kugira ingaruka mbi ku bindi bihugu bibanyi bisanzwe bivana ibitoro muri ico gihugu.

Kuva mu gicugu c’ejo gishira kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2026, igiciro c’ilitiro imwe y’amazutu “Diesel” ciyongereyeko amashilingi ya kenya 40.3 (Ayo angana hafi 932 FBu canke 452FRw).

Ku rundi ruhande, ilitiro imwe ya essence nayo nyene ikaba yadugijweko hafi amashilingi 28 nayo nyene igera ku mashilingi 206.

Iri duga rikaba rifitaniye isano n’ihindagurika ry’ibiciro kw’isoko mpuzamakungu,cane cane biturutse ku ntambara iri mu burasirazuba bwo hagati irimwo ibihugu nka Iran, Amerika na Israel.

Umuhora wa Hormuz ucamwo ibice birenga 20% vy’ibitoro vy’isi yose uriko uragira ingorane bigatuma ibiciro vy’igitoro biduga hamwe n’ibiciro vyo kubitwara.

Ikigo EPRA co kijejwe muri kenya camenyesheje ko ibiciro vyo kuzana amazutu ciyongereye kigera ku madorari 1,073€ kuri metero kwadarato mu gihe essence yo igeze ku madorari 823.87€.

Igihugu ca Kenya kikaba cafashe ingingo yo kwidugiriza ibiciro vy’igitoro inyuma y’uko no mu bindi bihugu vy’akarere harimwo Tanzania n’igihugu c’u Rwanda habaye iduga rikomeye ry’ibiciro. Aho ni mu gihe Uburundi bwo butakivuga cane kubijanye n’iduzwa canke ibura ry’ibitoro.

Mu misi iheze igihugu ca kenya caribonekejemwo kandi ikibazo c’ibura ry’ibitoro aho hafi 20%vy’ama stations vyavuze ko atagira ibitoro .

Iri duga rikaba rishobora gutuma ubuzima bwa bamwe burushirizaho kuzimba no mu bihugu bibanyi, kuko hari abadandaza benshi bava mu bihugu bitandukanye baja kurangura ibidandazwa muri ico gihugu ca kenya. Bikaba bishobora gutuma ibiciro vy’ibindi bidandazwa navyo vyiyongera.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE