BurundihomepageKirundiSante

Imiti kama irakoreshwa mu kuvura indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka

Abafise ikibazo co kurangura amabanga y’abubatse mbere n’izindi ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ngo barashobora kwitura ubuvuzi kama. Ubuvuzi kama burakorana kandi n’ubuvuzi bwa none.

Nk’uko tubisigurirwa n’umwe mu bahisemwo guhingura iyo miti kama Japhet Iremaharinde zimwe mu ndwara zikunda gufatira mu bihimba vy’irondoka bigatuma uwuyirwaye adaheza ngo arangure neza amabanga y’abubatse harimwo indwara z’ubwandu bakunze kwita “infections” hamwe n’inzoka abenshi bakunze kwitwa “amibe”.

Kuba umuntu asoma utuyoga ntaheze ngo afungure ibikwiye navyo nyene biri mu bituma umubiri w’umuntu ucika intege bigatuma atarangura amabanga neza eka mbere ico kibazo kirashikira abantu bahuye n’ingorane yo kwikinisha.

Muti mbega wokwivuza gute? Muganga w’imiti kama amenyesha ko bo bakoresha ibiterwa kama mu kuvura ico kibazo. Asigura kandi ko iyo miti ata ngaruka mbi ifise ku buzima bw’umuntu.

N’ubwo biri uko ubuvuzi kama burakorana n’ubuvuzi bwa none, agatanga akarorero ku bantu baba bashaka kwongereza igitsina cabo hamwe n’ingwara biba ngombwa ko babaga (opération chirurgicale).

Muganga Japhet atera akamo abantu bakoresha imiti yo mu buvuzi bwa none kugira bongereze ubushobozi bwo kurangura amabanga y’abubatse kubihagarika ahubwo bakitaho ingaburo kuko yo ikiza burundu.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE