BurundiEnvironnementhomepageKirundi

Imvura y’agatasi izotasura hagati ya Nyakanga na Gitugutu 2025

Imvura y’agatasi bitegekanijwe ko izotasura hagati ya Nyakanga na Gitugutu 2025 mu bice bitandukanye vy’igihugu. Bishikirizwa  n’umuyobozi mukuru w’ikigo IGEBU kijejwe gukurikirana ihindagurika ry’ibihe.

Augustin Ngenzirabona yabishikirije kuri uyu wa 16 Nyakanga 2025, mu nama yagiranye n’abakora muri ico kigo, abagwizambuto n’abaserukira ibisata bitandukanye mu burimyi. Avuga ko imvura y’agatasi (petite saison des pluies) itegerezwa gutangura hagati y’igenekerezo rya 17–30 Nyakanga 2025 (2è et 3è décade de septembre 2025) mu ntara kama za Buyenzi, Bugesera, Mugamba, igice kinini c’Imbo na Mirwa hamwe n’ubuseruko bwa Kirimiro n’uburaruko bwa Bweru.

Hagati y’igenekerezo rya 20 Nyakanga na 10 Gitugutu 2025 (3è décade de septembre et 1ère décade d’octobre 2025) mu Buyogoma, Moso, Buragane, Bututsi, ubumanuko bwa Mirwa n’Imbo, uburengero bwa Kirimiro n’ubumanuko bwa Buyenzi.

Ikigo IGEBU kimenyesha ko imvura izoba ibayabaye mu ntara za Imbo, Mirwa, Mugamba, Bututsi, Buyenzi, n’igice c’ubuseruko bwa Kirimiro, Bweru na Buragane, ariko imvura nke ishobora kwibonekeza mu bice nka Moso, Buyogoma, hamwe n’uburengero bwa Bweru, Kirimiro na Buragane.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE