Inama nshingamateka iratewe impungenge n’uko bimwe mu binyobwa bihingurirwa mu Burundi vyoba bidakwije ubuziranenge, bigatuma amagara y’abavyihereza asinzikara. Inama nshingamateka ivuga ko bimwe mu binyobwa bigizwe n’imitobe hatazwi neza ivyo ihingurwamwo kuko ataho vyimburwa hano mu Burundi. Yagiriza abakozi b’ikigo c’iguhugu kijejwe gutanga impusha ku mahinguriro kugira akore, BBN gushira imbere inyungu zabo.
Abashingamateka bavuga ko gushika ubu hari amwe mu mahinguriro akora ibinyobwa ariko ivyo bihingurwamwo ntihaboneke aho biva. Umushingamateka Vénant Manirambona atanga akaroro k’umuvinyu ukorwa mu bitoke, ariko gushika ubu ataho arabona ihinguriro riwukora, riguze ibitoke hano mu Burundi.
”Urashobora kubona ihinguriro ryashinzwe, ugasanga ivyakozwe biri kw’isoko . Ntanze akarorero k’umuvinyu uva mu bitoke, nta n’umusi n’umwe ndahura n’ikamyo yikoreye ibitoke ijanye kw’ihinguriro, ugaca wibaza niba abashinga amahinguriro bemererwa hatarinze kurabwa ingene bazoja bararonka ivyo bahinguramwo ico kinyobwa”, niko ashikiriza.
Uyo mushingamateka avuga ko bene ayo mahinguriro ahubwo bazana ”utuntu” bakuye ku banyamahanga tukaba aritwo bazana bagahinguramwo ivyo badandaza mu banyagihugu, nk’uko uwo mushingamateka yatowe mu ntara ya Gitega abandanya abishikiriza.
Umukuru w’inama Nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe we ntarya umunwa. Yagiriza ikigo BBN kijejwe gusuzuma ubuziranenge bw’ibidandzwa kudakora igikorwa kijejwe, ibituma amagara y’abanyagihugu abandanya gusinzikara kuko ku bwiwe abakozi b’ico kigo bashira imbere inyungu zabo.
”Ivyo tubona hano hanze, ibiyoga vyirirwa biramara abantu. Aya ma produits yinjira adapimwe/adasuzumwe abantu b’abagabo birirwa bakuyumba aho kubera ivyo biyoga, ariko BBN ntaco iriko irabikorako, kandi ibandanya itanga izo mpusha”, niko umukuru w’inama Nshingamateka avuga.
N’agashavu kenshi, umukuru w’inama Nshinagamateka yongerako ati:
”BBN batanga impusha zitari zo, fausses licences, kugira ngo abantu baje gukora ibiyoga bidakwije, n’ukuri bariko baratwicira abantu, mugabo ukabona ko bashaka kubandanya bakora bonyene. None bameze gute…bo barondera inyungu zabo gusa, ama komisiyo n’ibindi ntazi, bo nivyo bibaraje ishinga”.
Ivyo abo bashingamateka babishikirije mu mpera z’indwi iheze, aho umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta Alain Ndikumana yari gusigurira abashingamateka ibiri mu gitabo cerekana uko Reta yipfuza gutunganya imigambi y’iterambere buri myaka itatu kuva ubu gushika 2028-2029.
Umushikiranganji Alain Ndikumana yaburiye abantu kuri bimwe muri ivyo binyobwa bihereza afatiye kuri ayo makenga y’abashingamateka hamwe n’ayandi.
”Mwibuke fangasi/fungus ikiza. Nariko ndakora amatohoza hariya mu Kayanza , uwutwara OBR arambwira ati mu bintu twinjiza, uravye ibiharuro, nta gingembre tuzana kandi nta niyo turima mu Burundi, murabe neza ko mutariko muranywa ipiripiri. Nivyo rero vy’ibitoke, niko kw’uko. Mu Kayanza, ibitoke bateye biri hehe? Amakamyo abizana ari he? ni ama produits chimiques. ..N’uko bigenda”, niko umushikiranganji Ndikumana aburira abanywa izo nzoga.
Umuyobozi mukuru w’ikigo BBN Samuel Ndayiragije yabwiye Radio Indundi Culture kuri wa 13 Ndamukiza 2026 , ko ivyo vyashikirijwe n’inama Nshingamateka bamaze kuvyumva. Ndayiragize yongeyeko ko bategekanya kugira ico babivuzeko mu ndwi iza, inyuma y’icegeranyo c’amasuzuma bamaze imisi bariko baragira ku rubuga.
Hagati aho n’amwe mu mahangiro nk’irya gatatu n’iry’indwi ari mu mugambi w’imbonakazoza y’igihugu, Reta ihimiriza abanyamitahe guteza imbere amahinguriro, gutyo imigambi yabo ikaba nk’ikiraro hagati ya bene amahinguriro n’abarimyi.

























