DivertissementEntertainment

Indirimbo Sinokwilalana ntikibarizwa ku rubuga rwa YouTube

Inyuma yo kutumvikana hagati y’umuririmvyi Double jay na Dj Paulin ku ndirimbo “Sinokwilalana”,iyo ndirimbo yamaze gukurwa ku rubuga rwa YouTube.

Iyo ndirimbo Sinokwilalana yateje impari ikaba yakuwe kuri ugwo rubuga inyuma yaho Dj Paulin avuze ko ashobora kwitwarira umuririmvyi Double-jay Once Again kubera iyo ndirimbo isohotse inyuma y’amezi arenga 10 arindiriye ko ivya nkenerwa vyose bikwira ngo isohoke na cane cane ko yemeza ko  yayishizemwo uburyo bwinshi.

Uwutunganya ibikorwa vy’umugwi Biliman boy ugizwe na Double jay na Kirikou Akili nawe ntiyahoze ku mpari zihari hagati ya Dj Paulin na Double jay once again bivuye kuri iyo ndirimbo.

Hakim Moza w’umugwi Biliman boy yagize ati:”Dj Paulin niyitware,niyaduhamagara tuzokwitaba kuko muri irya ndirimbo ntakintu nakimwe yarishe,mbe kuki ashaka ko tumuhebera icuya cacu kandi ku bintu bitari ivyiwe.”

Hakim yavuze kandi ati kiretse ko Dj Paulin yabahuje n’umuririmvyi akomoka mu gihugu ca Ouganda José Chameleone atayindi ntererano yatanze kuriyo ndirimbo.

Inkuru yanditswe na Gisele Uwimana

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE