BurundiEntertainmenthomepageKirundiSport

Intamba z’abigeme batarenza imyaka 20 bariteguriye gutahukana intsinzi imbere ya Zambia

Aho bukera ku musi wa gatanu igenekerezo rya 19 Nyakanga 2025, umugwi nserukiragihugu w’abigeme batarenza imyaka 20 bazotana mu mitwe n’umugwi nserukiragihugu wa Zambia mu rukino rwo kurondera uburenganzira bwo kwitaba inkino z’igikombe c’isi ca 2026, urukino ruzobera kuri stade Intwari igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

Belyse Nininahazwe, umumenyereza mukuru w’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru w’abigeme batarenza imyaka 20, atanga umwizero wo gutsinda urwo rukino :”imyimenyerezo yagenze neza, n’ibikoresho birakwiye, n’intsinzi turayiteze,…”

Yabishikirije inyuma y’imyimenyerezo yariko irakorwa n’uwo mugwi ku kibuga intwari.

Belyse Nininahazwe avuga ko haheze indwi zitanu bari mu myimenyerezo n’imyiteguro, kandi ko abakinyi bose bahari bakomeye. Uwo mumenyereza arongera akavuga ko rizoba ari irya mbere bahuye n’abakinyi b’igihugu ca Zambiya, ariko ko bazokora ibishoboka vyose intsinzi igataha i Burundi.

Kizigenza w’umugwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka 20, Bizimana Rukiya, avuga ko abakinyi bateguwe neza mu buryo bwose babifashijwemwo n’abamenyereza, agasaba abakinyi kuzovugana neza mu kibuga bagahana umupira neza, kugira batahukane intsinzi bongere banezereze abakunzi b’inkino mu Burundi n’abakunzi b’uwo mugwi. Uwo kizigenza arongera agasaba abakunzi b’umupira ko boshika gushigikira benewabo na bashiki babo b’umugwi nserukiragihigu w’abageme batarenza imyaka 20, ku kibuga citiriwe Intwari.

Umuntu wese akeneye kuja kurorera urwo rukino asabwa kuba yaguze itike izomuha uburenganzira bwo kwinjira muri Stade Intwari, aho umuntu ashobora kugura itike aciye ku buhinga bwa none bwa Cashtel.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE