Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uno wa 14 Munyonyo 2025 i Bujumbura, Elysé Niyubahwe, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, amenyesha ko batangajwe n’ukwumva ko umugwi wa Zambia utakije gukinira mu Burundi. Ivyo vyabaye inyuma y’aho mw’ishirahamwe FFB bari bamaze kwitegura bakariha n’ibitari bike vyofashije muri urwo rukino.
Avuga ko ibikenewe vyose FFB yari yamazwe kubiriha. Aha twovuga nk’ivyerekeye uburaro (hotels), amatike y’indege ku bakinyi, ibifungurwa, hamwe n’ibindi.
Uwo munyamabanga w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB asigura ko baciye bahitamwo kurondera umushingwamanza ava mu gihugu ca Maroc, kugira ngo ritunganirizwe, na rirya ko ishirahamwe ry’umupira w ‘amaguru mu Burundi ryakoze ibishoboka vyose ryandikira Zambia ngo barabe ingene boganira kubijanye n’ivyo bari bamaze gukoresha vyerekeye uburyo bwari bumaze gukora ariko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Zambia rikanka.
Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB bavuga ko bihweje ivyo bari bamaze gukoresha vyose, iryo shirahamwe ryokwishura amafaranga angana n’imiriyoni amajana abiri mu mafaranga y’abanyamerika (200.000$).

























