Hari amazu amwe amaze gushirwa mu minwe ya komine Mugere yo mu kirwati c’abateshejwe izabo kiri muri zone Kabezi intara ya Bujumbura. Abahaba berekana ko bafise impungenge yo kwirukanwa. Ubuyobozi bw’iyo zone nyene buvuga ariko ko amazu yugawe kubera abayabamwo bagiye kuba ahandi, abandi nabo bamaze gusezera isi. Ubwo buyobozi ariko buvuga ko abo bateshejwe izabo bakiba muri ico kigwati batagiye kwirukanwa ubu.
Ico kigwati c’abateshejwe izabo kiri nko ku kirometero kimwe kirenga uvuye kw’ibarabara rikuru ry’igihugu inomero 3, Bujumbura-Rumonge. Vyongeye ni ikigwati cegereye umurwa mukuru wa komine Mugere intara ya Bujumbura. Ico kibanza kirimwo imiryango itari mike, abo twahasanze berekana ko vyose vyatanguye kuri uyu wa kabiri w’ino ndwi aho haza abajejwe intwaro bo muri zone Kabezi bari kumwe n’igipolisi co kimwe n’abandi bambaye impuzu zisanzwe babomora amazu amwe ayandi ashirwako amagufuri.
Aba twavuganye bashikiriza ko bababaye ku bw’ivyo bikorwa mbere bakavuga ko hari n’ababuze aho bakika umusaya.
“Twebwe twarabuze uko tuvyakira, mbere twarabuze ayo ducira n’ayo tumira. Tumaze gusanga inzu zabomowe ahandi zikaba zashizweko amagufuri ku miryango tubifata nk’ihohoterwa. Iyumvire nawe ingene tudategujwe abana bakisanga bari hanze, ku bwanje navyakiranye umubabaro mwinshi”.
Imvo rero zatanzwe n’abo bakoze ivyo bikorwa n’uko ayo mazu yabamwo abatayagenewe ahandi hari n’abapfuye. Aho mbere boba bamenyeshejwe ko ico kibanza komine igikeneye kugira ikiranguriremwo umugambi nk’uko abo banyagihugu babandanya babivuga.
“Mu vyo twabwiwe ni uko ngo hari abapfuye batigeze baronka abana, mu nyuma bazisigamwo incuti zabo. Izo rero nizo bashizeko amagufuri ariko bavuze ko n’izindi zizugarwa kandi tuzirukanwa. Mbere baravuga ko kino kibanza komine igikeneye, ariko natwe tukibaza niba komine ifise iki kibanza conyene.”
Ubu rero bibaza nka hamwe izo nzu babamwo zoja mu minwe ya komine, aho boca baja na rirya aho bavuye ata matongo bagisigaranye kuko abavyeyi bayikozeko.
Bose mu bo twayaze basaba ko bokubahirizwa mu gateka kabo kuko ari abarundi nk’abandi mbere bakabona ko mu gihe komine yoba ihakeneye, boca bubakirwa mu kindi kibanza.
”Nimba bakeneye kino kibanza, twebwe nibarabe ahandi badushira batwubakire tukagenda twimukiramwo, tube mu kirwati c’amahoro kuko turi abanyagihugu nk’abandi”.
Kuri ivyo bivurwa n’uwo murwi w’abanyagihugu, ubuyobozi bwa zone Kabezi ntibuhakana ivyabaye muri ico kirwati. Uwuramutswa iyo zone asigura ko inzu ata muntu ariko arayikoreramwo itegerezwa kuja mu minwe y’ubuyobozi bwa komine. Merchiade Ndayiziga ariko araremesha ko ata muntu aba muri ico kigwati agiye kwirukanwa.
”inzu zibiri nizo zabomowe kuko nta bantu bazibamwo kandi zari zishaje cane vyongeye zobomokeye ku bantu. Ariko nta muntu ariko arabirukana ahubwo bakwiye gutera intambwe bakamenya ko boshobora kuja kuba mu mihana baje bavamwo. Ico Ubuyobozi bwa komine bubuza ni umuntu yavuye muri ico kibanza yibera ahandi, ubu aza gutoza amafaranga mu nzu yahora abamwo. Ikindi ni uko inzu ata kintu na kimwe ikorerwamwo, iyo komine irayikeneye. Aha rero komine ica asaba ko umuntu wese ateye intambwe akaja kuba ahandi ategerezwa gushikiriza inzu komine”.
Abo bateshejwe izabo bavuye mu bice bitandukanye. Bahashitse mu mwaka w’1993 bivuye ku ntambara ishingiye ku bwoko yadutse mu gihugu . Amakuru atangwa n’ubuyobozi bwa zone ya kabezi komine Mugere intara ya Bujumbura avuga ko gushika ubu haharurwa amazu 75 muri ico kigwati, nayo inzu 15 nizo zashizweko amagufuri, zibiri zirabomorwa.
























