Hari igihe c’isaha umunani zo ku muhingamo wo kuwa kane, igenekerezo rya 13 Munyonyo 2025 inyuma y’imvura yari ihejeje kurwa aho babona umuntu ari mu ruzi Kanyosha ahegereye ikiraro kiri mu gice ca Busoro. Bamaze kumukurayo basanze yamaze kwitaba Imana. Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 14 Munyonyo 2025 hatowe abandi 2 bamaze gupfa muri ico kibanza nyene.
Bamwe mu banyagihugu twayaze baho mu Busoro bavuga ko bose boba bahitanywe n’uruzi Kanyosha aho bariko barasengera.
Ico kibanza bivurwa ko gikunze gukoraniramwo abantu baje kwambaza Rurema, bamwe bakaja iruhande y’uruzi abandi bagahagarara mu ruzi hagati, abanyagihugu bavuga ko bibabaje kandi biteye ubwoba.
Abo banyagihugu basaba inzego zibijejwe gufata ingingo kugira ntihasubire kwibonekeza impfu nk’izo zidasobatse.
Tubajije uwurongoye zone Kanyosha aremeza ayo makuru. Moïse Habonimana ahamagarira abanyagihugu kuja gusengera mu bibanza bizwi. Uyo mutware yamenyesheje ko ico kibazo yagishikirije abamukurira kugira hafatwe ingingo ku neza yigihugu.
Abantu bahitanywe n’uruzi kanyosha bari gusengera mu kibanza kiri muri zone Kiyenzi na Ruyaga bihana urubibe na zone Manyosha na Musaga komine Mugere y’intara ya Bujumbura baharurwa kuri batatu. Muri abo harimwo umuhungu umwe n’abakobwa babiri. Ivyo biziga bikaba vyashikirijwe imiryango yabo kugira bategure kubihambana iteka. Amakuru twahawe n’abanyagihugu avuga ko abaza gusengera mur iico kibanza bava mu micungararo itandukanye y’igihugu, haraheze ikiringo c’imyaka itanu.

























