Divertissement

Ntahangwa :Amazi meza ashishikara kuba umuzi w’ibuye

Bamwe mu banyagihugu bo mu makaritiye atandukanye yo mu buraruko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura basaba ko ikibazo c’ubukene bw’amazi meza bwaturutse kwiyononekara ry’umuringoti munini ujana amazi muri iyo komine cokemurwa .Bamwe bafise amakenga ko hashobora no kwaduka indwara ziturutse kw’isuku rike.

Amwe mu makaritiye agize komine Ntahangwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura abandanya kuba mu kibazo c’ amazi meza yishirahamwe Regideso, inyuma y’imisi itanu umuringoti ujana amazi mu gice c’uburarurko wononekaye n’ubwo gushika n’ubu atawutanga umuco kucatumye uwo muringoti munini wononekara.
Bamwe mubaba mu buraruko bw’igisagara canke abakorera mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi bamenyesha ko nayo bumva ko azanwa n’imiduga y’igiporisi muvyo kijejwe harimwo gukinga impanuka bo atabashikira.

Bamwe muri abo bakaba bahitamwo kwikora ku mazi ava mu binogo n’ubwo nayo nyene adaheza ngo abakwire.
Abo banyagihugu basaba ko ico kibazo cotorerwa inyishu vuba kugira ntibafatwe n’indwara ziturutse kw’isuku rike.

Ku musi wa kabiri igenekerezo rya 22 Gitugutu 2024 , ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n’umutekano , bubicishije ku rubuga X rwahoze rwitwa Twitter ,bwari bwamenyesheje ko ibiduga 6 vyongerejwe kuri 5 vyariko birakora mu gushira amazi abanyagihugu bo muri komine ya Ntahangwa mu kurindira ko ishirahamwe regideso riheza gusanura umuringoti ujanayo amazi wononekaye.

Inkuru yanditswe na Christa Lyse Harerimana

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE