Faustin Ndikumana aramutswa Parcem yerekana ko hari vyinshi bigihanze Uburundi kugira butere imbere. Hari mu mwihwezo w’ishirahamwe Parcem wagizwe kuri uyu wa 22 Kigarama 2025, kw’isubirwamwo ry’amafaranga Reta iriko irakoresha mu mwaka 2025-2026.
Muri uwo mwihwezo wiwe, yerekana bimwe mu bikiganze Uburundi bikurikira:
_Ubukene bw’inyubako: Faustin Ndikumana avuga ko igihugu kitariko kirakomeza inyubako nk’amabarabara… n’ibindi ata terambere kiba kiriko kirajamwo. Ngo hari hakwiye kubaho ico yise ”programme d’investissement public” yereka abarundi ibintu bizokorwa muri ico gisata : amazu ya Reta azokwubakwa, amabarabara azoba yaheze, ngo bakagira ico babikorako.
_Igabanuka ry’ibintu bigurirwa hanze (les importations): kubera amahera y’agaciro ataboneka neza ku rugero rushimishije. Iduga ry’ibiciro naryo ngo riratuma urudandazwa rutagenda neza mu gihugu, kuko abaguzi baca bagabanya ubushobozi bwo kugura.
_Ubukene bw’ibidandazwa vy’ihinguriro Brarudi: Faustin Ndikumana avuga ko hari n’ibidandazwa bikenye kandi vyahora bituma amatagisi aboneka na cane cane ibidandazwa vy’ihinguriro Brarudi.
_Urudandazwa rw’amahera y’agaciro rutaboneka: “Hari ibintu vyinshi usanga tudashobora gukurako ama ”taxes” ariko usanga biguma muri ”economie informelle” kuko hari n’uburusho buguma bwiyongera mugabo Reta ataco iriko irabikorako“.
Faustin Ndikumana asaba ko mu bijanye n’ingene amafaranga akoreshwa, hakenewe ukuraba y’uko amafaranga yo mu buzima bwa misi yose agabanuka, hakiyongera amafaranga aja ku migambi y’iterambere.

























