Imirima igizwe n’ibiraya hamwe n’ibiyoba iri ku mitumba ya Rongero na Birongozi muri komine n’intara ya Rutana y’umurundi asanzwe aba mu gihugu ca Canada yarasahuwe iyindi ironeshwa,agasaba abarongozi kumutunganiriza.
Umurundi arangurira umugambi wiwe wo kurima ariko akaba aba mu gihugu ca Canada avuga ko ababajwe cane n’abariko baramwononera imirima yiwe igizwe n’ibiyoba hamwe n’ibiraya iri ku mitumba ya Rongero na Birongozi muri komine Rutana mu ntara ya Rutana nyene.
Déogracias Nshimirimana asanzwe ariwe nyene imirima avuga ko k’umusi wa gatatu igenekerezo rya 01 Nzero mu mwaka wa 2025 abagizi ba nabi bahuriye impene mu murima wiwe w’ibiyoba yarimiye ku mutumba Rongero muri komune Rutana zirona igihande kitari gito,igenekerezo rya 03 nzero uwu mwaka nyene naho abasuma barengera mu murima w’ibiraya yarimiye k’umutumba Birongozi vyari bisigaje nk’ukwezi kumwe kugire vyere barabisoroma.
Uwo murundi asanzwe aba mu mahanga Deogracias avuga kandi ko ivyo bibaca intege mugihe baba bariko bakorera imirimo y’uburimyi mu gihugu cabo mu ntumbero yo gusahiriza reta hamwe n’abanyagihugu mu mugambi wo kurwanya inzara kandi ko bakoresha amahera menshi kandi batobura ikindi kintu bayakoza ariko bagashira imbere gufasha mu migambi y’iterambere mu gihugu cabibarutse.arongera kandi akavuga ati:”ko mperuka bavuga ko ibitungwa vyororerwa mungo z’abanevyo zikareka kuja ku misozi,nikuva ryari vyasubiriye kwemererwa kuja kwona mu mirima y’abandi?nukuri ingingo ruhasha zifatwe ku neza ya twebwe turiko twitangira abandi.”
Uwukurikirana iyo mirima ya Déogracias Nshimirimana avuga ko bagerageje kubwira umukuru w’umutumba wa Birongozi ariko akaba ataco yabivuzeko, akavuga kandi ko ingeso yo kwiba muri iyo ntara ya Rutana yabaye akayobera bahinga agasaba komite z’umutekano muri iyo ntara ko zosubira ku kivi kuko bitegereje ukwo vyifashe ibigori n’ivyera hoho ibara rizogwa.
Déogracias Nshimirimana agasaba indongozi zo muri iyo ntara ya Rutana gutuza ubwo busuma kuko uburyo bakoresha muri uyo mugambi w’uburimyi ari bwinshi kandi abakozi benshi bahembwa kubwivyo bikorwa, ndetse bifuza kuzokwagura ubwo burimyi kugira bashore mu mahanga ivyimbuwe.
Umukuru wa zone Rutana Serges Tangishaka avuga ko bariko bararondera abonesheje iyo mirima akanagirako avuga ko bagiye kugira ama nama n’abarongoye kugira habe kwubaha umurima wa murundi.