A la UneEntertainment

Ubwo ni uwuhe mugwi ugiye guhagarika Umugwi Urunani

Kuva umugwi w’Urunani uronse uburenganzira bwo guserukira Uburundi mu nkino za BAL, utsinze muri Playoffs umugwi Dynamo inkino 4 kuri 3,uwo mugwi ubanadanya wandikisha amateka kuko kuva ushitse mu gihugu ca Tanzaniya mu nkino za BAL 2025 ,nta rukino na rumwe uratakaza kuri zitatu umaze gukina mbere ukaba umaze no kuronka uburenganzira bwo gukina inkino zo mu gice gikwirikira ca Elite 16.

Muri izo nkino za Road to Basketball Africa League (BAL) zihuza imigwi yabaye iya mbere mu bihugu ziriko zibera mu gihugu ca Tanzaniya, umugwi Urunani uriko userukira Uburundi watsinze ku musi wa gatanu igenekerezo rya 18 Gitugutu 2024 gutyo uba uronse uburenganzira bwo kubandanya mu nkino za Élites 16 zizobera mu gihugu ca Afrika yepfo.

Inyuma yo gutsinda imigwi JKT wo mu gihugu ca Tanzania na Beau Vallon Heat wo mu mazinga ya Seychelles hamwe no mu rukino rugira gatatu watsinze umugwi Nairobi City Thunder wo mu gihugu ca Kenya,Urunani rwagiye gutsinda bigoranye cane ku manota 89 kuri 88.
Umugwi Urunani ukaba waciye ukwiza intsinzi 3 zikwirikiranya mu nkino 3 umaze gukina, ivyatumye uca uronka uburenganzira bwo gukina inkino za Élites 16.
Urukino rugira kane,umugwi Urunani uza gutana mu mitwe na GNBC wo mu gihugu ca Madagascar kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 20 Gitugutu mu gihugu ca Tanzaniya.

*Inkuru yanditswe na Vincent Nkunzimana*

What's your reaction?

Related Posts