Abicishije ku rubuga rwa X, Umukuru w’Igihugu, Evariste Ndayishimiye yahumurije abarundi ku vyago vyaraye bibaye mw’ikambi y’abasirikare iri muri zone Musaga, Komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuwa kabiri, igenekerezo rya 31 Ntwarante 2026, bigatuma haba uruhagarara mu bantu.
Mu butumwa bwiwe ku rubuga rwa X, Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yahumurije abarundi agira ati: “Ndahojeje abagize ivyago biturutse ku muriro wadutse mu bubiko bumwe bw’ikambi y’igisirikare iri muri zone Musaga. Turahumurije abarundi bose : inzego z’igihugu ziri ku kivi kugira zitabare kandi zibandanye zikinga kugira ibintu bisubire mu buryo.
Imana irinde Uburundi.”
No mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, umuvugizi wabwo, Gaspard Baratuza yamenyesheje ko ivyo vyaturika vyari biturutse mu bubiko bw’ibigwanisho buri mw’ikambi ya gisirikare y’i Bujumbura bita “Base militaire de Bujumbura” vy’abasirikare, bwadutsemwo umuriro.
Ku mugoroba wo kuri uyu wa 31 Ntwarante hadutse ibisasu biturika mu gisagara ca Bujumbura vyateye uguhungabana kudasanzwe kw’abantu n’ibintu. Hari abantu bahagiriye ibibazo tutibagiye n’ibintu vyononekaye biturutse kuri ivyo bisasu n’ubwo hatataramenyekana icegeranyo ca vyose.

























