Mw’isoko ya Ruziba, haribonekeza ubukene bw’ibikoresho ndagakaranga. Abaguzi, abadandaza hamwe n’abajisha baravuga ko ibihe bigoye vy’ubutunzi hamwe n’ihindagurika ry’ibihe vyatumye ibirago bizimba cane, bakabona ko uwo mwuga ushobora kuzimangana atagikozwe.
Abaguzi bavuga ko ibirago vyaduze ibiciro cane. Ikirago cahora kigurwa hagati y’ibihumbi 5 na 13 vy’amafaranga y’amarundi, ubu kigurwa hagati y’ibihumbi 20 na 50. Naho biri uko, barashimangira ko bifise akamaro kanini mu rugo, haba mu gushariza inzu canke mu kubiryamako.
Ku rundi ruhande, abajisha ibirago bavuga ko bahanzwe n’ingorane zikomeye. Ibikoresho nk’urukamo n’imiberebere vyama bikenewe mu kujisha vyabaye bike cane. Urukamo rwahora ruboneka mu bibanza vyegereye isoko, ubu rwahinduriweko ibiterwa nk’ibiraya. Imiberebere nayo, yava ku nkengera z’ikiyaga, ntiyigikunda kuboneka kubera ihindagurika ry’ibihe.
Mu kiganiro bagiranye na Radio Indundi Culture, abakora uwo mwuga basaba ko leta yobafasha, nk’uko ifasha uburimyi bw’ibiterwa. Basaba ko hoshirwaho uburyo bwo guteza imbere ibikoresho ndangakaranga nk’ibirago, kugira ngo uwo mwuga ntuzimangane.
Umwuga wo kujisha ibirago umaze imyaka myinshi mu ntara ya Bujumbura, cane cane muri komine Mugere. Ibirago vyajishwa mu bwatsi bw’imiberebere, urukamo n’ibitoketoke. Gushika ubu, ibiboneka mu isoko ni ibikozwe mu miberebere n’urukamo gusa. Ibirago vyama bifatwa nk’igikoresho co gushariza inzu, kwicarako canke kuryamako.
Abakora uwo mwuga barasaba ko hoshirwaho imigambi yo kuronsa ubufasha kugira ngo ntuzimangane burundu.

























