Mu gihe benshi bavuga ko ubuzima bugoye kandi ko kuronka akazi bitoroshe, hari urwaruka ruriko rwerekana ko gwihangana. Kugira intumbero no gukora cane bishobora guhindura ubuzima.
Umusore yitwa Eric Ndayishimiye aba mu gisagara ca Bujumbura avuga ko hari igihe yamaze amezi menshi ata kazi afise ,rimwe na rimwe akanararana inzara kubera kubura ico afungura.
Eric avuga ko atigeze acika intege n’aho ubuzima bwari bumugoye. Yatanguye gukora urudandazwa ruto rwo kugurisha ibikoresho vyama telefone kwi barabara,afise amafaranga make cane yari yaguranywe n’umugenzi wiwe.
Mu ntango ngo vyaramugora kuronka abamugurira ivyo bikoresho ariko kubera ukwihangana no kwakira neza abantu, ibikorwa vyiwe vyagiye bitera imbere bukebuke.
Uno musi uwo murose afise inzu nto acururizamwo ivyo bikoresho vya ngendanwa n’ibindi vyuma bijana bimufasha kuronka amafaranga amufasha kwibeshaho n’umuryango no kwitegurira kazoza keza. Avuga ko ikintu gihambaye kurusha ibindi ari kwizera ko umuntu ashobora gutera imbere n’aho yoba yatanguriye kure cane.
“Nari nkiri hasi cane ariko sinigeze nihebura. Natanguye duke cane uno musi ndashima aho ngeze”. Uko niko Eric yatuyagiye.
Bamwe mu bakoresha imbuga ngurukana bumenyi bavuga ko urwaruka rukwiye kwiga gukora ibikorwa bibafasha kwiteza imbere aho kurindira gusa akazi ka reta.

























