Bamwe mubavyeyi baba mu ntara ya Gitega komine Gitega bavugako ibibanza berekeramwo amareresi hamwe n’inkino z’umupira wa maguru bisamaza bamwe mu gwaruka bigatuma bamwe basiba ku mashure bagakatira kuraba izo reresi benshi bita “agasobanuye”.
Abo bavyeyi bavugako muri uyo mwanya abana basiba ku mashure guhera mu gatondo gushika inkino zitangure mu masaha y’umugoroba maze ubumenyi bwabo bugasubira inyuma.
Uwurongoye ikaritiye ya zone urbaine muri komine Gitega amenyeshako amasaha yo kugurura ivyo bibanza ari kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo gushika igihe cisaha zine z’ijoro.
Agatera akamo abajejwe intwaro mu makaritiye n’umutekano gukurikirana ibikorwa bibera murivyo bibanza.