Roïc Niyonkuru ni umurundi akora amareresi azwi hano iwacu. Ku ncuro yiwe ya mbere, ireresi yise “Before 16” niyo yatowe muzizokwerekanwa mu nkinamico izobera muri Bourkina Faso mu kwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka wa 2025. Uwo musore w’imyaka 34 y’amavuka avuga ko yatewe iteka n’ireresi yiwe yacaguwe muzindi zirenga 1000 ku mugabane wose wa Afrika izoba iturutse mu gihugu c’Uburundi. Hari mu kiganiro yatanze kuri BBC Gahuzamiryango.
Uwo mukinyi w’amareresi akaba yayise “Before 16” isigura imbere y’imyaka 16. Iyo reresi aba ivuga ku buzima bw’umwana na nyina bivuye ku bibazo nyina w’uwo mwana yahuye navyo afatwa ku nguvu aca atwara inda atipfuza.
Asigura icatumye akora iyo reresi ngo n’uko kenshi ibikunze gushikira abantu usanga nawe vyama bimukorako canke umuntu yahuye n’ibibazo mu buzima bigaca bituma abantu bavuga nk’uko batari bakwiye kuvuga.
Ubuzima uwo mwana yaciye bufitaniye isano n’ubwo uwo mukinyi w’amareresi yaciyemwo. Yabuze umuvyeyi wiwe afise imyaka itatu, abura se amuvyara afise imyaka 15 bica bituma akurira muri ubwo buzima butoroshe. Avuga kandi ko afise umunezero ntangere kubona yaratowe.