BurundihomepageKirundisécuritéTransport

Kwubahiriza amategeko y’ibarabara, bikingira ubuzima bw’abarikoresha

Mu gihe Uburundi bwifatanya n’ibindi bihugu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umutekano wo mw’ibarabara, wahimbajwe kuwa 22 Munyonyo 2026 i Bujumbura, abajejwe ibijanye no kwunguruza abantu n’ibintu basavye kwubahiriza amategeko y’ibarabara kugira ngo impanuka zigabanuke, ubuzima bw’abantu bubone gukingirwa.

Ibirori vyo guhimbaza uwo musi vyateguwe n’ishirahamwe SFMSR (Société de fourniture du matériel de sécurité routière) rifashwe mu mugongo n’ubushikiranganji bujejwe gutwara abantu n’ibintu, ishirahamwe ATRABU, igipolisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara (PSR), hamwe n’abandi bakora mu gisata co kunguruza abantu n’ibintu.

Muri ivyo birori, abavyitabiriye baganiriye ku mategeko agenga amabarabara, umutekano wo mw’ibarabara, uruhara rw’amashirahamwe y’ubwishingizi mu bijanye no gutwara abantu n’ibintu, hamwe n’inyifato iranga ubunyamwuga ikwiye kuranga abakora muri ico gisata.

Hagiye gukorwa urutonde rw’abatwara ingendeshwa hisunzwe ubwoko bwazo

Mw’ijambo ryiwe, Minani Bosco, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ATRABU, yavuze ko hagiye gutegurwa igikorwa co guharura no kwandika abatwara ingendeshwa zikora akazi ko gutwara abantu n’ibintu, kugira ngo bashirwe mu migwi bivanye n’ubwoko bw’ingendeshwa batwara.

Yasiguye ko hari abatwara amapikipiki baca batangura gutwara imiduga, abandi na bo bakava ku miduga mito bagatangura gutwara imiduga minini, kandi badafise impusha zibibemerera. Ivyo ngo bishobora kuba intandaro y’impanuka nyinshi zo mw’ibarabara.

Kwubahiriza amategeko y’ibarabara ni igikorwa ca bose

Ku ruhande rwiwe, Kabura Jean Marie, arongoye vy’imfatakibanza igipolisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara (PSR), anegura inyifato y’abatwara abantu n’ibintu bazi neza amategeko agenga amabarabara ariko bakanka kuyubahiriza, gutyo bagashira mu kaga ubuzima bw’abandi bakoresha amabarabara.

Abasaba kudashira imbere inyungu zabo bwite gusa, ahubwo ko bakwiye no kwitwararika inyungu rusangi n’umutekano w’abanyagihugu bose.

Ibirori vyasozerewe no gushikiriza ubushimwe abakozi bo mu gisata co gutwara abantu n’ibintu baranzwe n’inyifato nziza mu kazi kabo mu mwaka wa 2026.

Ico gikorwa kikaba gifise intumbero yo kwibutsa abandi bose bakora muri ico gisata kwubahiriza amategeko y’ibarabara, gukorana ubunyamwuga no kugira uruhara mu gukinga impanuka zo mw’ibarabara.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 122