EntertainmentKirundi

Indirimbo z’ubu ngo ntakanovera zigifise

Nziza Désiré umuririmvyi wa hano iwacu abarizwa muri diaspora ya America avuga ko abaririmvyi ba kino gihe baririmba indirimbo zizomara umwanya urume rumara kuko ata kanovera zifise.  Aha atanga akarorero k’umuririmvyi yiyumvira kuririmba ngo « Hahiye » impanuro canke ubutumwa aba yashatse gushikiriza abamwumviriza ivyo akaba yabitanze kuri imwe mu Tv akorera kumbuga ngurukanabumenyi.

 

Ahamagarira abaririmvyi kwandika indirimbo zizomara igihe kinini kandi zigira ico zifashije mu kibano. Désiré  arongera akavuga ko abaririmba ubu ngo boza bararabira ku bikorwa vy’abaririmvye kera.

Nziza Désiré akaba ari  umuririmvyi w’umurundi yatanguye umuziki afise imyaka 6, akiri ku ntebe yishure. Yakurikirana cane umuhisi Christophe Matata uko yaririmba. Mu mwaka w’1996 igihe abatanzaniya baje mu Burundi, niho nawe yafata akaryo ko kuririmba indirimbo yambere yise « Ewe Diane». Nziza Désiré amenyesha ko iyo ndirimbo yayanditse vyandurutse ku mukobwa yamwanse, ayikora m’umudiho wo hanze kuko ata mazu yo guhinyanyura umuziki yari bwaboneke mu gihugu ari navyo vyatuma akunda kuja mu Rwanda kurondera abahinyanyuzi b’umuziki.

Nziza Désiré amenyesha kandi ko kubera kuririmba yaciye amenyekana mu mahanga no mukuja mu mahanga yajanwe n’akazi bica biba ngombwa ko agumayo. Yahavuye asohora indirimbo yise « imiringa » ari muri Amerika. Gushika ubu akwije imyaka 13 akorera muri Amerika umwuga wo kuririmba. Avuga ko muri uno mwaka wa 2025 agiye gusokoka indirimbo nshasha.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE