Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 03 Ruhuhuma 2025, igisata kijejwe amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB carungikiye amakete imigwi ikina mu cicaro ca mbere mu Burundi. Muri ayo makete, ico gisata kijejwe amahiganwa kimenyesha ko hamaze imisi hariko hibonekeza ibibazo imbere y’uko inkino zimwe zimwe za Primus League ( 2024-2025) zitangura. Ivyo bibazo bikavana n’ukuntu bishika imigwi ibiri iba igire itane mu mitwe iza yambaye imyambaro ifise amabara agomba gusa. Ivyo ngo nivyo vyama bituma inkino zidatangura kumwanya kubera uguharira, bikanatuma akazi kabahagarikizi katagenda neza kuko rimwe rimwe bashobora kwihenda.
Igisata kijejwe gutunganya amahiganwa muri FFB kikaba gisaba imigwi yose kumenyesha ibara ry’umwambaro uza kuba wambaye mu kiringo c’amasaha 72 imbere y’uko buri umugwi ukina urukino rwawo. Ngo umugwi utazovyubahiriza uzoca ucibwa ihadabu ry’ibihumbi ijana ( 100,000Fbu).
Mwomenya ko imigwi yasabwe kwama na ntaryo isoma amategeko agenga ihiganwa ( Réglement du Championat).