Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abigeme muri Basketball ntiworohewe mu gihugu ca Egiputa hariko harabera inkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino za AfroBasketwomen2025 zizobera mu gihugu ca Côté d’ivoire. Uburundi ntibwatsinze urukino na rumwe mu nkino zine.
Uburundi bwatanguye bukina n’igihugu ca Egiputa aho abo bigeme batsinzwe amanota 102 kuri 40, urwa kabiri butsindwa na Kenya amanota 87 kuri 53. Inkino ntizagarukiye aho kuko mu rukino rwa gatatu Uburundi bwaciye busubira gutsindwa n’igihugu ca Uganda amanota 66 kuri 30, mu rukino rwa nyuma bwongera gutsindwa n’igihugu ca Sudani y’epfo amanota 77 kuri 46.
Ivyo bibaye inyuma y’imyaka 12 Uburundi butitabira inkino mpuzamakungu kuko Uburundi bwaheruka muri izo nkino mu mwaka wa 2013.
Muri izo nkino zo kurondera uburenganzira bwo kwitabira inkino za Afrobasketwomen2025 zizobera mu gihugu ca Côté d’ivoire, mu karere ka gatanu gasanzwe kari gaserukiwe na Kenya, Egiputa, Uganda, Sudani y’epfo hamwe n’Uburundi (zone 5) kazoserukirwa n’igihugu ca Uganda.