EntertainmenthomepageKirundi

Bujumbura: Umuririmvyi Alvin n’aba ”influenceurs” b’abarundi bariyamiriza abanyarwanda

Bamwe muba ”influenceurs” b’abarundi hamwe n’umuririmvyi Alvin Smith ntibariko bashimishwa n’inyifato y’abanyarwanda bamwe bamwe bariko bakoresha imbuga ngurukana bumenyi mu gucafuza izina ry’Umukuru w’Igihugu c’Uburundi.

Umuririmvyi Alvin Smith Frimeur yanditse kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 ruhuhuma 2025 ku rubuga rwiwe X abwira abanyarwanda ko bogira urupfasoni mu gusonera Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kuko ivyo bariko bakora ku mbuga ngurukanabumenyi za Facebook bidashemeye.

Simbizi wa semavumba avuga ati : ”Nibareke gukangura intare isinziriye kuko ivyo vyose bariko bandika barafise ico bagamije kandi iyo Uburundi bushaka urwanda bari kubugira intara muzindi. Rero bogira ico basoneye namba harico bariko bapfa n’igihugu kibanyi ca congo nibarabe ukuntu bobitunganya bigahera”.

Hosy Irakoze yanditse ku rubuga rwiwe X amenyesha abantu bariko bamwihendako bashaka kumujana muri politique ahubwo boraba ibindi bavuga kuko namba umuvyeyi wiwe ari umunyarwanda bihuriye he no kuba umu « spy » agira ati : ”Ngira ninapfa boca batwara ivyo narondeye.”

Nelly Nat nawe avuga ati : ”Ndiyamirije abantu baguma bavuga nabi Umukuru w’Igihugu bakaja ku mbuga ngurukana bumenyi zidafise Shinge na Rugero mu kwandika amajambo yo gutyoza Umukuru w’Igihugu. Ivyo bihagarare kuko nta nyungu birimwo. Namba hari ico bashaka gushikiriza nibaje ku mbuga zabo zizwi atari ivyo kwikika mu kibaza.”

Ayo ni amwe mu majambo aguma ashikirizwa ku mbuga ngurukana bumenyi X.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE