KirundiSport

Christian Kabera batazira Mourinho abarizwa mu gihugu ca Kenya

 

Umumenyereza w’umurundi Christian Kabera ntakibarizwa mu Burundi akaba yagizwe umumenyereza w’ishure ry’umupira w’amaguru mu gisagara c’i Nairobi mu gihugu ca Kenya “Young Shines Soccer Academy”.

Christian Kabera batazira Mourinho akaba yahawe uwo mugwi w’abakiri bato kugira aduze impano z’abakinyi bakiri bato bakinira uwo mugwi
Christian Kabera batazira Mourinho abarizwa mu gihugu ca Kenya.

 

Iryo shure ry’umupira w’amaguru agiye kuba umumenyereza, rikaba ririmwo urwaruka rutandukanye hari abatarenza imyaka 6,10,12,15,18 hamwe n’abatarenza Imyaka 20.

Christian Kabera akaba yahawe ihangiro ryo kuduza uwo mugwi  mugihe uriko urarondera uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca kabiri mw’ihiganwa rya FKF. Ubu akaba ari umenyereza mushasha wa “Young Shines Soccer Academy”muri Kenya.

Christian Kabera akaba yahawe ihangiro ryo kuduza uwo mugwi mu mugihe kandi uriko urarondera uburenganzira bwo kuduga mu cicaro ca kabiri mw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Kenya.

Uwo mu menyereza w’umurundi akaba yaciye mu migwi nka Les Amis fc de kanyosha mu cicaro ca kabiri, Flambeau de l’est, Delta star, Les éléphants, Magara star, Les jeunes Atletic, Ngozi City, Muzinga fc hamwe n’umugwi Les Crocos fc, ubu akaba ari umenyereza mushasha wa “Young Shines Soccer Academy”muri Kenya.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE