Bamwe mu barimira mu mwonga wa Murembwe ahitwa Karemvya ku mutumba Kanyenkoko muri zone Rumonge bafise ubwoba ku ndwara yateye imirima yabo y’inyanya. Iyo ndwara bavuga ko yitwa ikibabu, ituma ibiturumbwe vy’inyanya hamwe n’amababi yazo bibora. Hari n’utundi dukoko twonono iyo mirima, abo barimyi bakavuga ko gushika ubu bariko bahagirira uruhombo. Mu buyobozi bujejwe uburimyi muri iyo ntara batera akamo abarimyi gupompa imirima yabo imiti ivura iyo ndwara kuko isanzwe ihari mu mazu y’ubudandarizo.
Abo barimyi b’inyanya bashikiriza ko hadutse indwara y’ikibabu hamwe n’udukoko dusa n’akatsi gatoto kandi tugiye ku mashugwe ntaco basubira kwimbura kuko utwo dukoko turaturira amashugwe. Gushika ubu, ico kiza c’iyo ndwara kimaze kubahomvya imiriyoni zirenga zibiri z’amafaranga y’amarundi.
Naho bakoresha iyo miti mu gupoma imirima yabo bamenyesha ko atakivamwo kandi bayigura izimvye, ivyo bigatuma rimwe na rimwe bibaca intege.
Umwe mu barimyi yaganiriye na Radio Indundi Culture ashikiriza ko imbere y’uko iyo ndwara itera imirima yabo baronka umwimbu ushimishije kuri ico giterwa c’inyanya. Bimbuye, mu murima umwe ngo bahora bahakura amafaranga ibihumbi amajana 800 canke ibihumbi amajana 700. Ubu rero ngo bari mu ruhombo rutagira uko rungana kuko basigaye baronka ibihumbi 10 gusa. Bikimeze neza bararonka amafaranga angana n’imiriyoni zibiricanke arenga.
Ubuyobozi muvyo bujejwe harimwo uburimyi muri iyo ntara ya Rumonge bavuga ko indwara y’ikibabu ku nyanya ikunda kwibonekeza mu gihe nk’iki c’imvura bitumwe n’imbeho kuko abamaze kurima inyanya kenshi baramenya uko bashobora guhangana n’iyo ndwara. Abadafise ubumenyi buhagije mw’irima ryazo akabahimiriza ko bosaba impanuro ku bafundi b’indimo kuko imiti ivura iyo ndwara ihari mu mazu y’ubudandarizo.
Jean Marie Congera aramutswa ubuyobozi bujejwe uburimyi aho mu Rumonge ahamagarira abo barimyi b’inyanya gukoresha imiti isanzwe izwi no mu gutuza utwo tundi dukoko twonona imirima. Abajejwe uburimyi muri iyo ntara bavuga ko uburimyi bw’inyanya buriko buratera imbere kandi ko abamaze kubujamwo umusaruro ari mwiza.