Uwo mugwi w’abaririmvyi batatu bavuga ko indirimbo basohoye batayikoze bonyene ariko hariho ababafashije. Iyo mikangara ivuga ko bitari vyoroshe kugira basohore amasanamu hamwe no kwinjira mu nzu ihinyanyura umuziki. Barashimira abavanzi b’umuziki (DJ’s) bawubakorera bakanawumenyekanisha. Hari mu kiganiro bahaye insamirizi indundi culture kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 ntwarante 2025.
Abo baririmvyi bashikiriza ko indirimbo ”uri mwiza” baheruka gusohora iriko iravyifatamwo neza ikaba isanzwe iri ku rubuga rwa ”African Ententaiement”. Iyo ndirimbo ngo yakozwe n’abantu benshi baterereye ivyiyumviro.
Umwe muri abo baririmvyi azwi kw’izina rya Teddy Smith amenyesha ko n’aho bari hamwe muri uyo mugwi, umwe wese afise indirimbo ziwe yikoranye. Avuga kandi ko nawe nyene yiteguye gusohora iyindi ndirimbo inyuma y’amapfungo kugira ngo abakuzi biwe baryohegwe. Yang Bee nawe avuga ko ico we yipfuza ari ugukora umuziki mwiza hamwe no kuwushikana kure. Doris ashikiriza ko indirimbo bakoze yasohotse uko bari bayiteze, ifise amashusho meza ndetse n’abatamvyi ngo bavyifashemwo neza.
Abo baririmvyi barashimira abantu bose babafashe mu mugongo kuva mu ntango gushika aho bageze ubu. Bemeza ko bagiye gukora cane kuva mu kwezi kwa kane buca dutangura aho ngo bagiye gusohora izindi ndirimbo nyinshi kandi ziri mu mudiho mwiza cane.