homepageKirundi

Hari ukutabona kumwe kubanya poritike kubijanye n’ibikorwa vy’umugwi CVR

Ukudatahura kumwe ibikorwa vy’umugwi w’ukuri n’ukurekuriranira CVR kubanya poritike guhagaze ahanini ku kiringo uwo mugwi umaze ukora.

Nk’umunya poritike akaba kandi yahoze arongoye Uburundi Perezida Sylvestre Ntibantunganya avuga ko mwene iyo migwi iyo imaze igihe kirekire baza barayihindagura abayigize ibituma ibikorwa vyawo bihungabana.

Kubwa Valentin Nduwimana wo mu mugambwe RADABU we abona ko ibikorwa vya CVR bitokwihutishwa kuko ku bwiwe hari ibikorwa vyosibwa gutyo ukuri ntikube kukimenyekanye.

Mu mugwi w’ukuri n’ukurekuriranira CVR bemeza ko ibikorwa vyawo bishobora kwihutishwa. Pierre Claver Ndayicariye awuramutswa amenyesha ariko ko hakiri intambamyi.

Mw’itegeko rigenga uwo mugwi mu kigabane ca 1 mu ngingo ya 4 uwo mugwi ufise ikiringo c’imyaka 4 ariko gishobora kwisubiriza, ukaba ugize n’abakomiseri 13 b’abarundi nk’uko ingingo ya 11 yo mu kigabane ca 4 c’iryo tegeko rivyerekana. Abo bose barahirira imbere y’inama nshingamateka imbere yo kuja muri ayo mabanga.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE