EntertainmenthomepageKirundi

Indirimbo ya Lolilo na Aslion ibandanya ivyitwaramwo neza

Aslion ni umuririmvyi w’umurundi avuga ko indirimbo bakoranye n’umuririmvyi Lolilo aruko bari kumwe mu mugwi kandi ico gikorwa uko yari agishika ko kimera niko cageze. Arashimira abakunzi b’umuziki wiwe uko babandanya bakurikirana ibikorwa vyiwe bakanabigeza kure.

Uyo muririmvyi l yavukiye mu ntara ya Bujumbura avuga ko kubona atakibarizwa mu mugwi yahoramwo ari kubera yashatse kwunguruza aho yokorera indirimbo zisa nezagusumba izo yakoze ubwa mbere.

Aslion avuga ko collabor bakoranye n’umuririmvyi Lolilo yagize ikimazi kinini haba mu kumudugiriza ama “vues” hamwe no kuronka abandi bakunzi b’umuziki bashasha batari bamuzi ko ari umuririmvyi. Aslion avuga kandi ko uwakoze cane iyo ndirimbo ari Lolilo. Niwe yaguma ayikosora haba mu masanamu ndetse no mu majwi.

Ahamagarira abakunzi biwe ko boja ku rubuga rwiwe rwa youtube bakandika “AJ MUSIC” bakabandanya bagira j’aime, subscribe, comments kugira ngo iyo ndirimbo ishike kure hashoboka. Aslion avuga ko ashaka management yomufata mu mugongo kugira ngo abandanye akora umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE