Kadie Kay, umwanditsi w’indirimbo “Filia mia” avuga ko kubona yatoye umuririmvyi Kaboule aruko yabonye impano yiwe biza kujana n’iyo ndirimbo yanditse mu nyuma arabimusaba babona gukorana. Kaboule agira ati : “indirimbo ubwa mbere yari ifise amajambo meza kandi iyo ndirimbo naje irandaba ikaraba abakobwa hamwe n’abavyeyi nico gituma nayikoze n’umutima wose”.
Mu kiganiro aheruka guha isamirizi indundi culture yashikirije ko iyo ndirimbo yanditswe mu kwezi kwa munyonyo mu mwaka uheze wa 2024 ariko Kaboule we yayironse mu ntango z’ukwezi kwa kigarama baca bafata inzira yokuja mu nzu ihinyanyura umuziki. Uguteba gusohoka kw’iyo ndirimbo vyavuye ku buryo bwamugoye kuronka. Izina yabatije iyo ndirimbo yiwe riri mu rurimi rw’ikiratini rikaba risigura “umukobwa wanje.
Avuga ko iyo ndirimbo irimwo amajambo y’umukobwa wiwe hamwe n’ayandi yigisha abavyeyi gukeza abana babo iyo bahejeje amashure no kubatera intege batararonka akazi.
Kaboule ashikiriza ko iyo ndirimbo yaje kugira ngo imwereke ko ashoboye gukora wenyene n’aho akunda kuboneka mu bunywero ariko asubiramwo indirimbo z’abandi baririmvyi. Yatumye amenyekana cane no ku bantu batari bamuzi ko afise iyo mpano. Arashimira Kadie Kay kubona yaramwiyumviriye kandi hariho n’abaririmvyi benshi baririmba kumusumvya ariko agatora we.
Asaba abantu bose babishoboye hamwe n’aba diaspora ko bomushigikira kugira ngo impano yiwe igere kure ashike aho abandi bageze mw’iterambere ry’igihugu no mu yandi makungu.
Kadie Kay arashimira Kaboule ukungene bakoranye neza n’aho hagiye harabamwo intambamyi ariko igikorwa kikaba cageze ku musozo neza, ubu iyo ndirimbo ikaba ibarizwa ku rubuga rwa youtube.