Umuririmvyi Izere avuga ko indirimbo aheruka gusohora yise “isengesho” ivuga ahanini ku buzima yaciyemwo muri kahise. Kubona yasohotse uyu mwaka yakozwe kera ngo vyavuye ku kibazo c’uburyo. Ubu uwo muririmvyi akaba afise umugwi bariko barakorana kugira ngo abandanye agaragara mu muziki. Arasaba abantu kuja ku rubuga rwiwe rwa YouTube kugira s’abonner, j’aime na partager kugira ngo bamutere intege.
Uyo muririmvyi w’umurundi ashikiriza ko afise indirimbo atarasohora zishika kw’icumi zitarakorerwa amasanamu. Agira ati: “Kubona izo ndirimbo zose zitarasohoka n’uko uburyo bubuze ariko nsaba abantu bafise uburyo ko bonshigikira kugira ngo naje shike aho abandi bageze. Muri izo ndirimbo ndafise collabor n’amasanamu”.
Izere avuga ko iyo ndirimbo “isengesho” ari ubuzima nyakuri yaciyemwo arico gituma yakoze n’amashusho ameze kurya kugira ngo yerekane igicapo c’ivyo ari vyo kuko hari igihe uririmba ariko amashusho ugasanga ntajanye n’ubutumwa uba ushaka gutanga. ntase. Yongera ati: “Ico abakunzi banje bomenya n’uko mfise imigambi mwishi yo gukora hamwe aba diaspora bonshigikira noshikakure cane.
Izere amenyesha ko yatanguye kurirmba muri Tanzania ari naho yatanguriye gusohora indirimbo ya mbere n’izindi ariko mu nyuma arazifuta kuko yabonye ko zidafise amashusho meza arico gituma yashimye gutangura bushasha mu mwaka wa 2022 agarutse mu Burundi. Uyu mwaka agiye gukora cane kugira ngo aryohere abakunzi biwe.