EntertainmenthomepageKirundiMusic

Frank G80 aje atagisubira inyuma

Agacerere Frank G80 yari amazemwo imisi ngo kavuye kuko yariko aranonosora ivyirwa bijanye n’umuziki. Arizeza abakunzi b’umuziki ndundi ko aje ubutagisubira inyuma n’indirimbo z’ubwenge.

Frank aheruka gusohora indirimbo yise “ndaje”, ikaba iriko iravyifatamwo neza ku mbuga ngurukana bumenyi. Agira ati : “Agacarere nari ndimwo n’uko nari kw’ishure ariko ubu amashure nsa nk’uwayarangije ngiye gusubira gukora kugira ngo abakunzi banje basubire kuryoherwa nka mbere”.

Uyo muririmvyi w’umurundi ashikiriza ko afise indirimbo 5 kandi zose zizoryohera abakunzi biwe. Ubu, indirimbo agiye kuzana zizoza zifise akandi kanovera gusumba aka mbere. Arahanura abaririmvyi bariko bavyifatamwo nabi ko borabira ku baririmvyi ba kera kuko ivyo bituma utakaza abakunzi b’umuziki.

Frank amenyesha ko n’aho yari mu gacerere yabandanije yandika indirimbo mbere yarandikira n’abaririmvyi bamwe bamwe atashimye kuvuga amazina. Yemeza ko ubu azobikora neza gusumba kuko arivyo yari amaze igihe ariko arigira na rirya yari asanzwe afise indoto zo kuba umwanditsi mwiza mbere agere ku rugero rw’abaririmvyi ba kera.

Icatumye ashiramwo intambo y’ikirundi mu ndirimbo n’uko yashatse kwerekana akaranga k’igihugu kugira ngo umuntu wese abonye iyo ndirimbo azoce yibuka.

Frank G80 arashimira abantu bose bariko baramushigikira banamutera intege muri kino gihe, akaba yasavye imbabazi abakunzi biwe kubona yarabacerereje kutabaronsa umuziki ariko ubu yabijeje ko agiye kubaronsa indirimbo nyinshi kandi nziza.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE