Ugeze mu kibanza co ku gasoko bita Kukabasazi, ni muri karitiye Mutanga nord, zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura, ubonaho amamashini ya none akoreshwa mu kubāza imbaho, imisumari hamwe n’abariko barateranya izo mbaho bahinguramwo ibikoresho bitandukanye. Ubu ico kibanza cubatswe n’ivyuma bigikikuje impande zose hamwe n’amabati agisakaye.
Bamwe mu badandaza bakorera kuri ako gasoko ko kukabasazi bariruhutsa kubona ubu barashoboye kwiyungunganya bagasubira ku kivi. Pascal Nyandwi yariko ateranya igitanda agira ati: “n’aho ndiko ndiyungunganya ndacibuka ijoro naburiyemwo ivyanje bivuye ku mpanuka y’umuriro wahadutse ugaturira ivyari bihari vyose bigatokombera. Igihe c’isaha umunani z’ijoro niho numva iterefone nca ndiruka kuja kuraba ko hariho n’ibintu na bike norokora yamara nsaga ibikoresho vyose vyahiye. Ariko ubu twasubiye kwubaka ndetse n’abasumyi basigaye baza kudushorera. Turashima ko akazi kasubiye gukorwa”.
N’ubwo batanguye gukora, Nyandwi hamwe na bagenziwe bakorera muri ico kibanza basaba ko boronswa imitahe kuko basa nk’abasubiye inyuma ivyo bigatuma imiryango itaronka ibintu bimwe bimwe vya nkenerwa.
Jean Mukeshimana ajejwe ico kibanza avuga ko biyungunganya kandi bakagira ico bashoboye kuza baraziganya arico gituma bashoboye gusubira gukora. N’aho bimeze uko hariho ibintu bimwe bimwe bakibuze kuko ata mitahe bafise ikwiye. Gushika ubu bakeneye gushigikiriwa.
Igihe ico kibanza casha mu kwezi kwa myandagaro umwaka uheze wa 2024, abarongoye ico kibanza bashikirije ko ibidandazwa vy’agaciro kangana n’imiriyaridi 5 arivyo vyahiriye muri ako gasoko.