Uwuserukira mu Burundi ikigega mpuzamakungu kijejwe igisata c’uburimyi FIDA, Dagmawi Habte-Selassie amenyesha ko ico kigega kigiye kubandanya gifasha Uburundi mu migambi y’iterambere biciye mu migambi gisanzwe kiriko kirarangura mu Burundi.
Yabishikirije kuri uwu wa 16 Nyakanga 2025 mu mubonano yahawe n’Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi Nestor Ntahontuye.
Inyuma y’uwo mubonano, uwo aserukira ikigega FIDA mu Burundi yamenyesheje ko yagenzwa n’ugukeza umushikiranganji wa mbere ku mabanga aheruka kuzezwa no kumenyesha ko FIDA igiye kubandanya ifasha Uburundi mu migambi y’iterambere isanzwe iriko irarangurwa na FIDA.
Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere Moïse Nkurunziza yamenyesheje ko uwo aserukira FIDA yari asanzwe agiye no kuraba intambwe imigambi iriko irarangurirwa mu Burundi igezeko, cane cane umugambi witwa PAIFAR-B.
Moïse Nkurunziza yamyesheje ko uwo aserukira FIDA yashimye ibimaze kurangurwa, yongera yemera ko ico kigega kizobandanya giterera mu gushigikira mw’iterambere ry’Uburundi cane cane mu gisata c’uburimyi.
Moise Nkurunziza yamenyesheje ko abo bategetsi bemeranije ko bazobandanya bakorana neza no mu gushiraho intumbero nshasha izofasha mw’itunganywa ry’imigambi y’abafatanyabikorwa.