Ntivyagendeye neza umugwi nserukira gihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba w’abigeme batarenza imyaka 20 kuko waraye utsindiwe ku kibuga Intwari .
Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 19 Nyakanga 2025 niho umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abigeme batarenza imyaka 20 wakira umugwi nserukira gihugu wa Zambia w’abatarenza imyaka 20 mu rukino rwa mbere rwo kurondera itike yo kwitabira igikombe c’isi c’umwaka wa 2026 ku ruhande rw’abigeme.
Urwo rukino rwabereye ku kibuga Intwari rwarangiye Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zitsinzwe ibitsindo 2-1.
Zambia niyo yatanguye gutsinda igitsindo biciye kuri penariti yinjijwe n’umunyegori wabo Mwila Cishala Mufunte, mun yuma ico gitsindo kigomborwa na Bizimana Rukia bica biba igitsindo 1-1.
Mu nyuma igihugu ca Zambia carasatiriye igori ry’umugwi nserukira gihugu w’abigeme batarenza imyaka 20 , niho ku munota wa 80 w’urukino Ruth Muwowo yaciye yinjiriza igitsindo ca 2 ca Zambia. Iminota 90 yarangiye ari ibitsindo 2 vya Zambia kuri 1 c’Uburundi .
Mu ndwi iza Intamba mu rugamba z’abigeme batarenza imyaka 20 bazoba bari mu gihugu ca Zambia mu ntumbero yo gukina urukino rwo gusubiriza.