homepageKirundiSante

Ni agakuru keza ku bana bavukana indwara z’imitima

Ukuvura abana bavukanye indwara z’umutima birashoboka mu Burundi mu bitaro vy’igisirikare co mu Kamenge.

Muganga yanonosoye kuvura indwara z’umutima akaba arongoye n’ivyo bitaro Marc Nimburanira amenyesha ko gushika n’ubu ata mugambi wagenewe izo ndwara z’abana. Asaba ko hoshirwaho ikigega canke umugambi wo gufasha kuvuza abana bavukanye indwara z’imitima kuko kubabagisha mu bindi bihugu bishobora gutwara ama miriyoni arenga ibihumbi 100 mu mafaranga y’amarundi mu gihe mu Burundi ari imiriyoni 10 mu kigo kiri muri ivyo bitaro cagenewe kuvura no kubaga abana. N’aho biri uko, ayo mafaranga si abarundi bose bashobora kuyaronka.

Muganga yanonosoye kuvura indwara z’imitima amenyesha ko umwana yayivukanye bigaragarira mu bimenyetso bikurikira:

-umwana avuka adahema neza canke ariko arakura afise ingorane z’uguhema

-umwana agira igikuriro kidakwiye, mwana ntatore ibiro, canke akagira uburebure budakwiye

-umwana akagira urukoba rusa n’ubururu ku munwa (ico bita cyanose mu gifaransa)

-intoke z’umwana ariko arakura zigahinduka zikaba nk’imihini(ico bita hippocratisme digital)

-umwana yama afise intege nke niyo hageze kumugaburira bikamuruhisha cane, umwana ntashake gufungura, ntagire akayabagu ko gufungura, abandi bana bariko barakina we akaba yicaye

-uwo mwana kw’ishure ukabona ko adateye imbere

-abaganga bapimye umwuka w’uwo mwana basanga udakwiye

-abaganga bumvirije impwemu ziwe ingene zisohoka (souffle) bagasanga hariho ibitumvikana neza.

Kuva mu kwezi kwa gatatu 2025, abana 36 baramaze kubagwa n’ico kigo. Ivyo bitaro bikaba vyarakoze isekeza ryo gusuzuma abana bavukanye indwara z’imitima kuva itariki 22 gushika 24 nyakanga 2025, aho hatowe hapimwe abana 52 gushika isaha zine z’umurango kuri izo tariki 24 kugira hamenyekana ibitigiri vyabo. Igikorwa kandi kizobandaniriza no mu zindi ntara mu minsi iri mbere.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE