AfriquehomepageKirundiPolitique

Ashigikiwe n’inararibonye muri ANC, Ramaphosa ntagikuwe mu mugambwe

Mu mugambwe uri k’ubutegetsi muri Afrika y’epfo ANC harangwamwo ukutumvikana aho indongozi zimwe zimwe zo mu nzego zo hejuru zisaba ikurwa ry’Umukuru w’igihugu Cyril Ramaphosa mu nama nyobozi z’uyo mugambwe. Bamwagiriza kuyobora nabi ico gihugu no kudindiza ubutunzi muri rusangi. Izo ndongozi zisaba kandi ishirwaho ry’uburongozi bw’imfatakibanza buzoba buyobowe n’uwahoze arongoye ico gihugu Thabo Mbeki. Ibi vyagiye ahabona biciye mu rwandiko rwarungikiwe abanywanyi bo mu nzego zo hejuru bo mu mugambwe uri k’ubutegetsi ANC kuri uno wa 18 Munyonyo 2025.

Amakuru dukesha ibimenyeshamakuru vyo muri Afrika y’epfo avuga ko urwo rwandiko rwatewe ivyatsi n’umukuru w’umuhari w’abahoze ku rugamba muri ANC, Snuki Zikalala, abifata nk’inzira ya bamwe bamwe yo gutera ihungabana mu nzego z’uyo mugambwe wakuyeho intwaro za karyanisha miryango, Apartheid.

Umuvugizi w’umugambwe ANC Nonceba Mhlauli yabwiye ibimenyeshamakuru bikorera muri Afrika y’epfo ko ata komborwa ry’ Umukuru w’igihugu Cyril Ramaphosa ritegekanijwe mu mugambwe kandi ko Ramaphosa ategerezwa kubandanya ayobora ico gihugu gushika muri Kigarama 2027 nk’uko abanyagihugu babimutoreye, kiretse ariwe ahisemwo gutanga imihoho.

Ivyo biri uko mu gihe hategekanijwe ikoraniro kaminuza mu mugambwe ANC muri Kigarama 2025, aho abaharanira impinduka hamwe n’abashigikiye Umukuru w’igihugu bazoba bahanganye bimwe bigaragara ku ngingo zimwe zimwe zisanzwe zitavugwako rumwe muri uwo mugambwe.

What's your reaction?

Related Posts

WP Radio
WP Radio
OFFLINE LIVE